Afrika y'epfo ntibona ko gushira mu ngiro ingingo nshasha izarizo zose zigenewe kurwanya ikiza ca Covid-19 bikenewe ku bari mu gihugu canke abashitse bavuye hanze yaco, kubera ibigitirir vy'abandura Covid-19 biriko vyiyongera cane mu gihugu c'Ubushinwa.
Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Afrika y’epfo, Joe Phaahla, yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa kabiri ko ubwoko bwa Covid-19 buteye amakenga mu Bushinwa no mu makungu bukiri ubwa Omicron.
Yamara avuga ko abasirikare b’umubiri hamwe n’ukwikingira hakoreshejwe incadago bigikomeye cane ku banyagihugu. Umushikiranganji Phaala avuga ko batabonye ko ibitigiri vy’abandura, abaja mu bitaro canke abapfa vyiyongeye bikomeye mu bihe vya vuba.
Umushikiranganji Phaala amenyesha ko basavye impanuro ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, kandi ko bazokwongereza ivyo gupima abanyagihugu umugera wa Covid-19, bakongera bagakomeza kubacandaga bifatiye mu bitigiri vy’abandura uwo mugera biriko vyiyongera mu Bushinwa na Reta z’unze ubumwe z’Amerika.
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bategekanya guha abanyagihugu izindi ncandago z’ukwikingira umugera wa Covid-19 mu mpera z’uku kwezi kwa mbere. Gushika ubu, Afrika y’epfo imaze kwemeza umuntu umwe gusa yanduye ubwoko bushasha bwa Omicron bwitwa XBB.1.5. Nta vyemezo biriho vyerekana ko ubwo bwoko buriko burakwiragira, naho bubonwa ko bwandukira cane. (REUTERS)
Facebook Forum