Uko wahagera

Uburusiya Bwateye Misile 33 muri Ukraine


Kimwe mu gice c'igisagara ca Kherson
Kimwe mu gice c'igisagara ca Kherson

Reta ya Ukraine yatangaje ko ibitero vy'Uburusiya uno musi ku wa gatatu vyarimwo ibikoho vya misile vyarashwe mu bibanza vya gisivile mu gisagara ca Kherson kiri mu bumanuko bwa Ukraine.

Igisirikare ca Ukraine kimenyesha ko misile 33 zarashwe mu gisagara ca Kherson, ico gihugu casubiye kwigarurira inyuma y’uko inteko z’Uburusiya zihavuye mu kwezi guheze.

Uburusiya burahakana ko bukora ibitero ku basivile muri Ukraine. Igisirikare ca Ukraine catangaje kandi ko ingwano yabaye uno musi ku wa gatatu mu micungararo y’igisagara ca Bakhmut no mu bindi bice vyo mu ntara ya Donbas iri mu buserukdo bw’igihugu.

Mu butumwa yashikirije kuri video, mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yaratangaje ko inama y’abategetsi bakuru b’igisirikare yategekanije ingingo zofatwa muri kazoza ko hafi.

Zelensky avuga ko bazobandanya gutegura inteko za reta muri uyu umwaka buca utangura w’i 2023.

Prezida Zelensky yongeye aratangaza ko yavuganye n’abategetsi barongoye ikigega mpuzamakungu c’amafaranga, FMI, ku bijanye no gukorana n’urwo rwego. Yamenyesheje ko bategerezwa guha akaryo Abanya-Ukraine ko

kwisununura kurushiriza mu buzima bwabo mu mwaka uza hamwe no guha inguvu zisumbirije amabanki y’igihugu. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG