Uko wahagera

Abaforoma bo mu Bwongereza Bahagaritse Akazi


Bamwe mu baforoma bakoze imyiyerekano
Bamwe mu baforoma bakoze imyiyerekano

Abaforoma bo mu gihugu cose c'Ubwongereza batanguye yegereyegere kuri uno wa kane. Abaforoma baharurwa mu bihumbi 100 bo ku bitaro 76 ni bo bahagaritse akazi, basaba ko agashahara kabo kaduzwa kugera ku bice 19% y’amafaranga basanzwe bakorera.

Abarwayi bagera ku bihumbi 70 bari bateguye kubonana n’abaganga, no kubarwa ntibabashije gusuzumwa no kuvurwa kubera iyo yegereyegere. Hari haheze imyaka irenga ijana ata yegereyegere ivuzwe mu gisata c’ubuvuzi mu Bwongereza.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu mu Bwongereza, Steve Barclay, yavuze ko ababajwe n’iyi yegereyegere agira ati: “ Ndarajwe ishinga n’akaga iyi yegereyegere ishobora gukwegera abarwayi"

Ishirahamwe rihurikiyemwo abaforoma mu Bwongereza ryavuze ko Reta yanse ko izo mpande ziganira ibijanye n’iduzwa ry’umushahara wabo.

Ubwongereza buri mu bihe bitoroshe vy’ubutunzi: Ifaranga rikoreshwa muri ico gihugu ryataye agaciro ku rugero rurenga ibice 10%, abakozi barimwo abakora ku maposita, ku bibuga vy’indege n’ahandi bagasaba gusununurirwa ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG