Uko wahagera

Katari: Maroke Yinjiye muri Kimwe ca Kane


Abakinyi ba Maroke baterura umumenyereza wabo Walid Regragui bahejeje gutsinda Esupanye, muri Katari , kw'itariki ya 6/12/2022
Abakinyi ba Maroke baterura umumenyereza wabo Walid Regragui bahejeje gutsinda Esupanye, muri Katari , kw'itariki ya 6/12/2022

Ku bakunzi b’inkino ejo ku musi wa kabiri, wari umusi wa nyuma w’inkino za kimwe c’umunani c’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kiriko kibera mu gihugu ca Katari.

Mu nkino zarangije kimwe c’umunani z’ejo ku musi wa kabiri, mu rukino rwa mbere rwabaye, Maroke yatsinze Espanye amapenalti 3 ku busa. Hari inyuma y’uko imirwi nserukiragihugu yavyo yompi irangije ifise ubusa ku bundi mu kiringo c’ iminuta 90 yahariwe mu bisanzwe urukino rw’umupira w’amaguru n’iminuta 30 y’inyuma yaho.

Gushika ubu Maroke imaze kwinjizwa igitsindo kimwe rudende mu nkino imaze gukina muri iki gikombe c’isi yose co muri Katari. Maroke imaze kuja mu gikombe c’isi yose incuro 6, mu myaka y’i 1970, 1986, 1994, 1998, 2018 no mu 2022. Nico gihugu co ku mugabane wa Afrika gishitse muri kimwe ca kane kuva mu gikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2010 muri Afrika y’epfo aho Ghana yashitse muri ico gice.

Maroke, igihugu conyene co ku mugabane wa Afrika cari gisigaye mu gikombe c’isi yose kikaba cunguruje muri kimwe ca kane aho kizohura na Portugal yatsinze Ubuswise ibitsindo 6 kuri kimwe mu rukino rwa kabiri rwabaye ejo ku musi wa kabiri. Nirwo rukino rwinjijwemwo ibitsindo vyinshi cane muri iki gikombe, uretse urukino rwahuje ubwongereza na Irani mu majonjoro aho Ubwongereza bwinjije ibitsindo bitandatu kuri bibiri vya Katari.

Umukinyi wa Portugal, Goncalo Ramos niwe yabaye uwa mbere yinjije ibitsindo bitatu mu rukino rumwe muri iki gikombe c’isi yose co muri Katari.

Naho umukinyi amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi gushika ubu ni Kylian Mbappe wo mu Bufransa n’ibitsindo 5.

Ikindi umuntu yovuga ni uko Vincent Aboubakar wo muri Kameruni ari we mukinyi wenyene yaronse ikarata itukura gushika ubu mu nkino zimaze kuba muri iki gikombe c’isi yose co muri Katari, igihe yakura maillot yiwe inyuma y’uko yinjije igitsindo mu rukino rwahuje igihugu ciwe na Brezil mu nkino zo mu majonjora.

Inyuma y’inkino z’ejo ku musi wa kabiri, ama ekipe nserukiragihugu yose uko ari umunani azohiganwa muri kimwe ca kane c’igikombe c’ isi yose co muri Katari yaramenyekanye. Ni Ubuholande, Argentina, Ubufransa, Ubwongereza, Croatia, Brezil, Maroke na Portugal.

Inkino za kimwe ca kane zizoba mu mpera z’iyi ndwi. Ku musi wa gatanu w’iyi ndwi, Ubuholande buzohura na Argentine mu gihe Brezil izokina na Croatia. Ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi, Ubufransa buzokina n’Ubwongereza mu gihe Maroke izokina na Portugal.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG