Uko wahagera

Uburusiya Bwagabiye Afrika Amatoni 260.000 y'Ifumbire


Amato atwaye ingano za Ukraine mw'ibahari yirabura, hafi ya Istanbul, muri Turukiya, kw'itariki ya 2/11/2022.
Amato atwaye ingano za Ukraine mw'ibahari yirabura, hafi ya Istanbul, muri Turukiya, kw'itariki ya 2/11/2022.

Uburusiya bwagabiye abarimyi bo ku mugabane wa Afrika, amatoni 260.000 y’ifumbire zari zimaze amezi mu bivuko vy’i Buraya no mu mazu y’ububiko. Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric yavuze kuri uyu wa kabiri ko akengurutse iryo tangazo ry’Uburusiya. ONU yavuze ko izo ntabire zizofasha mu kugwiza umwimbu muri iki gihe c’irima ku mugabane wa Afrika.

Yavuze ko ubwato bwa mbere bwa PAM bwikoreye amatoni 20.000 bwavuye mu Buholande kuri uyu wa kabiri, bwerekeza muri Malawi. Ni ubwato bwa mbere bw’intabire yo mu mirima burungitswe, bugiye kuzokurikirwa n’ayandi mato mu mezi ari imbere.

Kuva Uburusiya butera Ukraine kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa kabiri, ifumbire yarakenye, ibiciro vyayo bica biraduga umurengera kw’isi. ONU ivuga ko vyiyongereye gushika ku bice 250 kw’ijana ndetse n’imbere y’uko Covid itera mu 2019.

Uburusiya buza ku mwanya wa mbere w’ibihugu bishora ifumbire kw’isi. Bwidoga buvuga ko ibihano bwafatiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyatumye butabasha gushora nyinshi hanze. Ariko ibihugu vya Buraya ntibisiba kuvuga ko ibihano vyafashe biterekeye ibifungurwa canke ifumbire iva mu Burusiya.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG