Uko wahagera

USA: Sena Yemeje Itegeko Rikingira Abubakana Basangiye Ibitsina


Senateri Tammy Baldwin, w'umudemokrate (Iburyo) na senateri Susan Collins, (Ibubamfu), mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma yo gutora integuro y'itegeko ikingira abubakana basangiye igitsina i Washington, kw'itariki ya 29/11/2022
Senateri Tammy Baldwin, w'umudemokrate (Iburyo) na senateri Susan Collins, (Ibubamfu), mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma yo gutora integuro y'itegeko ikingira abubakana basangiye igitsina i Washington, kw'itariki ya 29/11/2022

Abasenateri ba Reta zunze ubumwe za Amerika baraye bemeje itegeko rikingira abashaka kwubakana basangiye igitsina n’abadasangiye ubwoko n’urukoba. Iyo nteguro y’itegeko yemejwe ejo kuwa kabiri ku majwi 61 bavyemeye kuri 36 batabishigikiye.

Abasenateri 12 bo mu mugambwe w’abarepuburikani batoye bemeza iyo nteguro, igiye guca irungikwa ku meza ya Prezida Joe Biden kugira azorisinye ribone kuzoca riba itegeko mu yandi mategeko agenga Amerika.

Rikuyeho iryo mu 1996 ryemeza ko abubakanye ari abadasangiye igitsina ryemejwe ku rwego rwa Amerika. Iyi nteguro y’itegeko isaba amareta kwemera abahezagiriwe mu yandi ma reta basangiye igitsina. Ariko ntiribuza amareta gushiraho amategeko ku rwego rwayo abuza uko buryo bw’ubugeni.

Ariko umusenateri w’umurepuburikani, Susan Collins, ari mu bateguye iri tegeko, yavuze ko amashirahamwe y’abanyamadini hamwe n’ibigo bitanga inyigisho zishingiye ku madini batabwirizwa kuzohezagira ubugeni buteye kubiri n’imyemerere yabo.

Amatohoza yabaye mu kwezi kwa gatanu, 2022, yerekanye ko 71 kw’ijana vy’abanyamerika bashigikiye kubana kw'abasangiye igitsina. Ni mu gihe 27 kw’ijana gusa ari bo babishigikiye mu 1996.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG