Uko wahagera

Inkino z'Igikombe c'Isi Zigeze ku Musi Ugira 8


Umukinnyi wa Kameruni Vincent Aboubakar atsinda igitego cya kabiri Kameruni yatsinze Serbiya
Umukinnyi wa Kameruni Vincent Aboubakar atsinda igitego cya kabiri Kameruni yatsinze Serbiya

Inkino z’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kiriko kibera muri Katari zigeze ku musi ugira uw’umunani kuva iryo higanwa ritanguye kw’italiki 20 y’uku kwezi kw’icumi na rimwe.

Mu nkino zabaye ejo ku musi w’Imana, Costa Rica yatsinze Ubuyapani igitsindo ku busa mu murwi E, Ubudagi na Espanye vyaranganije igitsindo ku kindi muri uwo murwi nyene. Maroke yatsinze Ububiligi ibitsindo bibiri ku busa mu gihe Croatia yatsinze Canada ibitsindo bine kuri kimwe mu murwi F.

Mu nkino z’uno musi ku wa mbere, mu murwi G, Kameruni yanganije na Serbiya ibitsindo bitatu kuri bitatu. Mu rukino ruriko ruraba mu murwi H, hagati ya Ghana na Koreya y’epfo, Ghana ifise ibitsindo bibiri ku busa bwa Koreya y’epfo mu gice ca mbere c’urukino. Mu zindi nkino zisigaye z’uno musi ku wa mbere, Portugal iraza gukina na Uruguay mu murwi H, mu gihe Brezil iza gukina n’Ubuswise mu murwi G.

Ku bijanye n’imirwi yaserukiye akarere ka Afrika, nka yose iracafise amahirwe y’ukwunguruza muri kimwe c’umunani. Vyose bizova ku kugene izovyifatamwo mu nkino za nyuma z’amajonjora n’ukugene ama ekipe ari mu mirwi yayo azoba yavyifashemwo muri izo nkino.

Gushika muri uyu mwanya, Ubufransa nibwo bwonyene bumaze kwunguruza icese muri kimwe c’umunani c’iki gikombe c’isi yose co muri Katari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG