Uko wahagera

Umunyamabanga mukuru wa OTAN Asabira Ukraine Imfashanyo Nyinshi za Gisirikare


Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg avugana n'abashingamateka ba OTAN i Madrid kw'itariki ya 21/11/2022
Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg avugana n'abashingamateka ba OTAN i Madrid kw'itariki ya 21/11/2022

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe OTAN, Jens Stoltenberg yasavye ibihugu bihurikiye muri ryo kwongereza imfashanyo za gisirikare kuri Ukraine. Asigura ko ari kugira Ukraine ironke ubwigenge kandi imere nk’ibindi bihugu birangwamwo demokarasi ku mugabane wa Buraya.

Stoltenberg yabwiye inama nshingamateka y’ibihugu vyo muri OTAN, i Madrid ku murwa mukuru wa Esupanye, ko intambara muri Ukraine ibwirizwa kuzohagarara biciye mu biganiro. Ariko kandi yemeza ko ibizova muri ivyo biganiro bizovana n’inguvu zizoba zigaragara ku rubuga rw’intambara. Kubw’ivyo, asaba ibihugu biri muri OTAN gushira amafaranga menshi mu gisirikare ca Ukraine.

Stoltenberg yakeje Ukraine kuko iriko ivyifatamwo neza ku rugamba, ariko aragabisha ko kwoba ari ukwihenda mu gihe hosuzugurwa inguvu z’igisirikare c’Uburusiya.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yabwiye OTAN ko haruhanze y’izo mfashanyo za gisirikare hamwe n’uburyo bw’amafaranga buronswa igihugu ciwe, OTAN ikwiye no kwakira Ukraine muri uyo muryango no mw’ishirahamwe rya Buraya.

Hambavu y’ivyo, Uburusiya na Ukraine kuri uyu wa mbere bagirizanije ibitero vyabereye ku kibanza gihingura umuyagankuba uva bumara bwa Nikereyeri c’i Zaporizhzhia.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG