Uko wahagera

Abishwe na Nyamugigima muri Indoneziya Bageze ku 162


Muri Indoneziya, abatabara barabandanya kurondera abo borokora, inyuma ya nyamugigima yasenyuye ibitari bike kuri uyu wa mbere. Iyo nyamugigima imaze guhitana ubuzima bw’abantu bashika 162, n’abaharurwa mu majana bakomeretse, mw’izinga rya West Java.

Umukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe ibiza yavuze ko iyo nyamugigima yasambuye amagorofa aharurwa mu majana. Buramatari w’iyo ntara, Ridwan Kamil, yavuze ko abantu barenga 13.000 babomorewe amazu, kandi bashizwe mu bigo vyategekanirijwe abahuye n’ibiza.

Kamil yavuze ko hihwejwe amagorofa menshi yasambutse, igitigiri c’abapfa gishobora kuzokwiyongera. Yavuze ko gushika ubu abantu 326 bakomeretse.

Iyo nyamugigima yo kuri uyu wa mbere yari ku rugero rwa manyitide 5.6.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG