Uko wahagera

Etiyopiya Yatanguye Gushora Umuyagankuba muri Kenya


Etiyopiya yatanguye gushora umuyagankuba muri Kenya, biciye mu masezerano azomara imyaka 25 hagati y'ivyo bihugu.

Ambasaderi wa Etiyopiya muri Kenya, Bacha Debele, yishimiye ino nkuru avuga ko izofasha mu guteza imbere imigenderanire hagati ya Kenya na Etiyopiya.


Kenya yatangaje ko mu myaka itatu iri imbere, izoba imaze kugurira Etiyopiya amamegawate 300. Urugomero ruzovamwo uwo muyagankuba rufise amamegawate agera ku 2000. Rwubatswe ku mafaranga agera ku miriyoni 500 z'amadorali y'Amerika. Kenya ihambije Sudani yari isanzwe ishorera Etiyopiya umuyangankuba.

Umuyangankuba Etiyopiya igiye kuza iraha Kenya uzoca mu rugomero rw'umuyangankuba rwitwa Gerd. Urwo rugomero rufise uburebure bugera ku kirometero kimwe n'ama metero 800, n'ubwaguke bwa metero 145 rurimwo amatati: Sudani na Misiri vyari vyarankiye Etiyopiya kuguzuza amazi bivuga ko bishobora gutera ikena ry'amazi ku butaka bwavyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG