Uko wahagera

Burundi: Abacamanza Benshi Bararya Ibiturire


Abagize sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro
Abagize sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro

Mu Burundi, umushikiranganji ajejwe ubutungane yemeza ko abacamanza benshi mu gihugu barya ibiturire. Domine Banyankimbona avuga ko bituma inzirakarengane nyinshi zisanga mu mabohero, Reta igahomba amafaranga menshi.

Asaba abacamanza kwisubirako, abazokomeza iyo ngeso agasezeranya ko bazohanwa ivy'akarorero. Muri ino misi, umushikiranganji ajejwe ubutungane ariko agendera intara zitandukanye yumviriza ibibazo vy'abitura za sentare.

Imbere yo gutangura kugendera intara mu ndwi iheze, yari yasohoye urwandiko rugenewe abakuru b’amasentare na za parake. Domine Banyankimbona yababwiye ko biteye isoni ukuntu amabohero menshi abogabogamwo umurengera w’abanyororo kandi abenshi batari bakwiye kurungikwayo.

Avuga ko ivyo bituma Reta ihatakariza uburyo bwinshi bwo kugaburira abo bafungwa, ukubaronsa imiti, ukubunguruza n’ibindi. Aho yahereye mu bumanuko bushira uburengero yaragaye cane inyifato z’abacamanza bafata icemezo co gufunga abantu bagirizwa ivyaha bitobito birimwo amadeni kandi bobaretse bakaguma bidegemvya maze bakishura umwenda batari mu buroko.

Yemeza ko mu gihugu cose, abanyagihugu baruhishijwe n’ingendo mbi y’abacamanza yo kurya ibiturire no kudindiza imanza. Fyonda munsi wumve izindi nsiguro mu nkuru ya Eloge Willy Kaneza, akorera Ijwi ry’Amerika.

Umushikiranganji Domine Agabisha Abarya Ibiturire
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:57 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG