Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, amamiriyoni arenga 35 y’abanyagihugu baramaze gutora mu matora y’abashingamateka n’abasenateri ategekanijwe kuri uyu wa kabiri. Ni amatora atunganywa buri gihe prezida ageze mu gice ca kabiri ca manda yiwe y’imyaka ine.
Abategetsi bo mu mugambwe w’abarepuburikani bavuze kuri uyu w’Imana ko bagiye kuzokwigarurira inama nshingamateka na Sena, bisanzwe vyiganziwe n’abo mu mugambwe w’abademokrate.
Intebe zose uko ari 435 z’abashingamateka nizo zegwa n’aya matora, mu gihe ku ruhande rwa Sena, intebe 35 kw’ijana ari zo zizohiganirwa. Abademokrate ni bo bagenzura izo nama zose kuva mu ntango za 2021. Ibi vyatumye amategeko na poritike vya Prezida Joe Biden vyoroha kurengana, n’aho abarepuburikana bagiye batavyorohereza.
Abademokrate bakeka ko bashobora gutsindwa muri aya matora. Umuhinga w’umusesenguzi wo mu mugambwe w’abademokrate, Hilary Rosen, yabwiye televiziyo CNN yo muri Amerika, ko batitayeho kumviriza abatora muri aya matora. Yavuze ko abakandida muri uyo mugambwe batashize inguvu cane ku kibazo c’ibiciro vy’ivya nkenerwa vyaduze, ivyatumye abanyagihugu batoroherwa mu kubaho.
Urubuga rwa interineti rutanga amakuru ya poritike muri Amerika, rwitwa fivethirtyeight.com, ubu rwerekana ko abarepuburikani bafise amahirwe angana 55% yo gutsindira Sena hamwe na 84% yo kwigarurira inama nshingamateka.
Facebook Forum