Mu nama yahurije hamwe abarwizatunga bo mu gisata c’abikorera utwabo bo mu mihingo yose igize Uburundi kuri uyu wa gatatu,umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ico gisata kigiye kwitabwaho bikwiye.
Iryo huriro ryatunganijwe ku rwego rw’igihugu mu gisata c’abikorera utwabo ryabereye ku murwa mukuru w’Ubutunzi, Bujumbura. Iryo huriro ryitezwemwo kwerekana neza intambamyi zituma intererano y’abakorera mu gisata c’abikorera utwabo itagaragara hamwe n’icokorwa mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata c’abigenga mu Burundi.
Iryo huriro rikazotuma kandi ico gisata gitera imbere mu bijanye n’Ubutunzi, eka mbere habeho no gutanga ubuzi. Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye ari nawe yuguruye ibikorwa vy’iyo nama yamenyesheje ko ibitari bike biriko birakorwa kugira ngo ico gisata gitere imbere. Urugero rwatanzwe ni ibijanye no kurondera ubuzi ku rwaruka, ibanki y’urwaruka yashizweho hamwe n’iy’abakenyezi n’ibindi.
Mu gihe rero Uburundi bwiyemeje korohereza abakorera muri ico gisata, umukuru w’igihugu yaneguye ingene iryo huriro ribaye hari amahinguriro amwe amwe yugariwe ibikorwa, arimwo ayahingura imitobe n’imivinyu kubera atakora yisunze amategeko. Yaciye ahumuriza abarwizatunga.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye yanagabishije abantu bakibika amafaranga mu nzu zabo aho kuyatwara mu banki ko umunsi umwe bazovyuka yahindutse nk’ibipapuro. Ati: "Dufise ikibazo hano mu gihugu cacu, ndabizi neza ko mu mazu yanyu habitsemwo amafaranga menshi menshi cane. Mu Burundi hari umuco mubi wo kubika amafaranga mu co bita kuyabika mw’ihembe, iryo s’iterambere mu butunzi, birakwiye ko amafaranga atembera mu bucuruzi, rero hari abantu benshi bakiri inyuma, aho biyumvira ko iyo bafise amafaranga mu nzu ariho baba ari abakire, abo nabo n’abarwizabukene. Amafaranga ategerezwa gusohorwa muri izo nzu. Hagiye gutorerwa umuti ico kibazo, umunsi umwe ayo mafaranga bazosanga afise agaciro nk’ak’impapuro, ndazi uko nzobikora".
Aha yabateye akamo ko kuyatwara mu bigo bisanzwe bibika ayo mafaranga kugira ngo ashobore kwifashishwa n’abakeneye ingurane mu mabanki mu ntumbero yo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu.
Albert G. Zeufack, umuyobozi mukuru ajejwe ibikorwa vya Banki y’isi mu gihugu c’Uburundi ,Angola, Repubilika ya Demokarasi ya Congo na Sao Tomé nawe uri mu bitabiriye iryo huriro.
Yamenyesheje ko ibanki y’isi yiteguye guteza imbere amahanguriro yose ateza imbere uburundi na cane cane atanga akazi ku bantu benshi kugira ngo ubushomeri bugabanuke mu gihugu c’Uburundi. “Ati :Nta hangiro ry’ibikorwa ryobaho, hatabanje amavugurura akomeye agenga ibikorwa biteza imbere igihugu. Mu ntumbero twihaye izobandanya yo guherekeza uburundi, ibanki y’isi irashigikira kandi izobandanya gushigikira ibikorwa vy’igisata c’abikorera utwabo ibicishije mu mishinga yo kwihangira ibikorwa biteza imbere abenegihugu bishirwe mu bikorwa kandi bikorwe mu buryo bugezweho.
Iyo nama yahurije hamwe abikorera utwabo ku rwego rw’igihugu kuri uyu wa gatatu yamaze umunsi umwe, ikaba ibaye ku ncuro ya mbere. Umukuru w’igihugu yaciye atangaza ko iryo huriro yise “Umuzinga Day“ rizohora riba rimwe mu mwaka. Insiguro yatanze ni uko basabwa gukora nk’inzuki zitangurira ku kantu gatoya uko iminsi ihera hakavamwo ikimamara kinini kikavamwo ubuki bwinshi. Bityo, abarwizatunga bose, umwe umwe kuri gato azozana mu gihugu kazoteza imbere igihugu.
Inkuru ya Thierryve Ndayishimiye akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.
Facebook Forum