Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, yagabishije Uburusiya, abwihanangiriza kudakoresha bombe ruhonyanganda canke ikindi kigwanisho ico ari co cose kirimwo ubumara bwa nikereyeri mu ntambara burimwo na Ukraine.
Biden yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Bwohirahira bugakoresha ivyo birwanisho bwoba bukoze ikosa rikomeye butazokwitura.”
Ned Price avugira ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, nawe yavuze ko atawobura kugira impungenge, ashimangira ko Uburusiya rimwe na rimwe iyo bushaka gukora “ Ibidakorwa bitandukanye buvyegeka ku bindi bihugu.” Yongeye avuga kandi ko buramutse bukoresheje ivyo birwanisho vyogira ingaruka mbi cane.
Uburusiya bumaze iminsi bwagiriza Ukraine umugambi wo gutera bombe ruhonyanganda ku butaka bwabwo. Uwuserukira ico gihugu muri ONU ejo ku wa mbere yarungikiye ikete umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, amubwira ko bufise ivyemezo vy’uko Ukraine iri mu gutera urubombe ruhonyanganda, kandi ko ikaramuka ibikoze, Uburusiya buzofata ico gitero nk’ic’iterabwoba kigabwe hifashishijwe ubumara ruhonyanganda.
Amakungu arimwo Amerika n’ibindi bihugu vyo mu burengero yamirira kure ivyo vyagiriji vy’Uburusiya, mu kuvuga ko ata kindi bigamije atari ukurementanyiriza Ukraine. Ubutegetsi bwa Ukraine nabwo nyene buhakana bwivuye inyuma ivyo vyagiriji.
Facebook Forum