Uko wahagera

Igitero ca Amerika Cahitanye Abategetsi Batatu ba ISIS muri Siriya


Ikarata ya distrikte Qamishli, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya
Ikarata ya distrikte Qamishli, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu ejo kuwa kane waratabaje abategetsi bawo batatu mu bitero bibiri Reta zunze ubumwe za Amerika yagavye mu buraruko bwa Siriya, ku musi umwe.

Igisirikare ca Amerika cemeje ko igitero ca mbere cakozwe na kajugujugu mu gatondo k’ejo kuwa kane, cabereye mu karere ka Qamishli, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya, ahagenzurwa n’abasirikare bayoboka prezida wa Siriya, Bashar Assad.

Igisirikare ca Amerika mu karere ka Siriya n’igice kinini co mu buseruko bwo hagati cavuze ko ico gitero cahitanye, Rakkan Wahid al-Shammri, hamwe n’umwe bakorana. Abandi babiri barafashwe.

Al-Shammri yagirijwe na Amerika kuba ari we yari ajejwe kwinjiza inkoho n’abarwanyi baja kurwana ku ruhande rw’uwo muhari.

Ku muhingamo w’ejo kuwa kane nyene, igisirikare ca Amerika kivuga ko cakoze ikindi gitero c’indege mu buraruko bwa Siriya, cica abategetsi babiri bo hejuru ba ISIS. Abo nabo ni Abu 'Ala, abonwa ko yari mu bategetsi batanu bo hujuru b’uwo muhari, yari icegera c’uwurongoye ISIS muri Siriya. Uwugira kabiri ni Abu Mu'Ad al-Qahtani, yari ajejwe ivy’amabohero muri uyo muhari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG