Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, kuri uyu wa gatatu yavuze ko atariko arategeka abanyagihugu biwe kuguma mu rugo mu kurwanya ikwirakwira ry’umugera wa Ebola. Yavuze ko igihugu gifise ubushobozi bwo guhangana n’ico kiza.
Abategetsi bo muri ico gihugu co muri Afrika y’ubuseruko batangaje mu ndwi iheze ko habonetse abanduye Ebola muri distrikte ya Mubende.
Prezida Museveni yavuze kandi ko abamaze kuwandura bageze kuri 24, muri bo batanu baramaze gupfa. Abandi bantu 19 bari mu bakekwa kuba bari baranduye Ebola, nabo nyene barapfuye.
Uganda, isangiye umupaka na Repuburika ya demokarasi ya Kongo. Yagiye iterwa na Ebola muri Kahise. Ahaheruka ni mu mwaka wa 2019 aho uwo mugera wahitanye abantu batanu.
Repuburika ya demokarasi ya Kongo, ku musi wa kabiri yatangaje ko Ebola yasezerewe mu ntara ya Kivu y’uburaruko, mu buseruko bw’igihugu, inyuma y’indwi zitandatu uwo mugera wongeye kwaduka.
@AFP
Facebook Forum