Uko wahagera

Prezida w'Amerika Yiyamirije Ibitero vy'Uburusiya muri Ukraine


Prezida w'Amerika mu nama rusangi ya ONU igira 77
Prezida w'Amerika mu nama rusangi ya ONU igira 77

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yiyamirije ibitero vy'Uburusiya muri Ukraine mw'ijambo yashikirije uno musi ku wa gatatu mu nama rusangi y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Prezida Biden yavuze ko ibitero Uburusiya buriko bukora muri Ukraine bigenewe kuzimanganya uburengenzira bw’ico gihugu bw’ukubaho nk’igihugu n’abanyagihugu baco.

Prezida Biden yatangaje ko igihugu ca Ukraine gifise uburengenzira bumwe nk’ibindi bihugu bw’ukwigenga. Yavuze ko bazokwifatanya na Ukraine mu kurwanya agasomborotso k’Uburusiya.

Ivyatangajwe na Biden bije inyuma y’uko prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ategetse gukoranya abagize umwuga w’igisirikare baba ari abasivile mu gihe c’amahoro yamara bashobora gutumwako mu gihe c’ingwano bagera ku bihumbi amajana atatu kugitra baje ku rugamba muri Ukraine. Ni inyuma kandi y’uko Putin agabishije mu buryo bufobetse gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda.

Prezida Biden yatangaje ko Uburusiya bwarenze, ata soni bufise, ku matageko agenga ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Biden yavuze ko amakungu akwiye kubona bikorwa bigayitse vy’Uburusiya uko biri. Amenyesha ko ata numwe yigeze ageramira Uburusiya, ko ata wundi muntu numwe yarondeye ingwano atari Uburusiya.

Prezida Biden yatangaje ko Amerika izotanga imiliyaridi 2 n’imiliyoni amajana icenda y’amadolari agenewe gufasha amakungu mu bijanye n’ibifungurwa kubera yageramiwe n’ibitero vy’Uburusiya muri Ukraine. Ayo mafranga azoba agenewe kandi kurwanya inkurikizi z’ihindagurika ry’ibihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG