Uko wahagera

Kameruni: Ekleziya Katorika Isaba Irekurwa ry'Abanyurujwe


Bamwe mu bapatiri bo muri Kameruni
Bamwe mu bapatiri bo muri Kameruni

Abategetsi muri Kameruni bagirije abarwanyi barondera kwiyonkora kuba banyuruje abapatiri, umubikira hamwe n’abakirisu babiri.

Abayobozi bo muri Ekleziya Katolika bamenyesha ko abakirisu batarenga cumi ku majana abiri basanzwe bitabira imisa, ari bo bonyene bari bitabiriye imisa y’ejo ku musi wa mungu. Ni inyuma y’aho abasenyeri batangaje ko hariho abantu banyurujwe n’imirwi y’abarondera kwiyonkora ku gihugu.

Ikigwati ca Nchang aho vyabereye, ni mu burengero bwa Kameruni, ku rubibe na Nijeriya.

Abasenyeri bo muri Kameruni bavuga ko abantu 30 bitwaje inkoho bateye ishengero ku musi wa gatanu barasa mu kirere imbere y’uko bariturira. Bavuga ko abapatiri batanu n’umubikira umwe banyurujwe batwarwa ku ma pikipiki mu mashamba ari ku rubibe na Nijeriya.

Aloysious Fondong Abangalo, Musenyeri wa Diyoseze y’i Mamfe aho ikigwati ca Nchang kiri, yaragendeye isengero rya Mariya Mutagatifu ku musi wa mungu. Avuga ko igitero co ku musi wa gatanu cateye ubwoba abakirisu bigatuma batitabira imisa yo ku wa mungu .

Musenyeri Abangalo avuga ko yatangajwe no kubona bamwe mu bakoze ico gitero bari abantu bahora basengera kuri iryo sengero nyene.

Ekleziya Katolika isaba abo bantu bitwaje inkoho kurekura abo bantu banyuruje bakongera bagahagirika ubwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG