Uko wahagera

Canada na UK Vyemeza ko Urugamba Rushobora Gushuha muri Etiyopiya


Kimwe mu birwanisho vya TPLF
Kimwe mu birwanisho vya TPLF

Ubwongereza na Canada vyemeza ko abategetsi ba Eritreya bahamagariye ingabo zabo kumera magabo, bakitegurira urugamba rushobora kongera gushuha mu buraruko bwa Etiyopiya.

Agahengwe impande zishamiranye zari zahanye mu kwezi guheze kagatanga icizere ko intambara imaze imyaka ibiri hagati y’ingabo za Reta ya Etiyopiya, n’umuhari TPLF yoba igiye guhera, karwijwe n’ubusa n’ukongera gutana mu mitwe kw’izo mpande.

Impande zibiri zagirizanya kurenga ku masezerano yo gutanga agahengwe, zegekanako uwarashe ubwa mbere, mu gutana mu mitwe kwabaye mu buseruko no mu buraruko bwa Tigreya.

Reta za Canada n’iy’Ubwongereza vyasohoye urwandiko ruhanura abanyagihugu bazo bari muri Eritreya kwirinda ingendo zose zitari ngombwa, no gufata iyindi mikenyuro yo gukingira umutekano wabo.” Urwo rwandiko rugira ruti: “ Mwicunge cane.”

Impande zishamiranye nta co ziravuga kuri uko kugabisha kw’intambara ishobora kongera gushuha hagati yazo. Gusa, abategetsi bo mu ntara ya Tigreya babandanya kwerekana ishaka ryo kwitabira ibiganiro vy’amahoro biri mu minwe y’ubumwe bwa Afurika, mu gihe Reta ya Etiyopiya ataco iravugira ku mugaragaro kijanye n’ivyo biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG