Abapfasoni bajejwe amabanga yo kuyobora abandi muri Kenya biteze ko perezida mushasha, William Ruto azokwubahiriza ivyo, agaha abapfasoni amabanga akomeye ya politike.
Prezida Ruto yarahiye mu mabanga yiwe mashasha ku musi wa kabiri. Ashitse ku butegetsi mu gihe igihugu gifise igitigiri kinini cane c’abapfasoni batowe mu mabanga yo guserukira abandi, kitari bwibonekeze mu mateka y’igihugu.
Ruto yabwiye abari bitavye ibirori vyo kurahira ko ikintu gikomeye cane bashitseko mu matora na demokrasi muri Kenya ari kwongereza igitigiri c’abapfasoni bari mu bibanza vy’ubuyobozi.
Igihe yariko ariyamamaza, yari yatangaje ko azokwubahiriza ingingo iri mw’ibririzwa shingiro ryo mu mwaka w’i 2010, iha abapfason uruhara runini muri politike. Iyo ngingo ntiyari bwigere yubahirizwa, abapfasoni batari bake b’abanyapolitike bavuga ko hagaze ko ishirwa mu bikorwa.
Igitigiri kinini cane c’abapfasoni baratowe mu matora yabaye muri ico gihugu mu kwezi kw’umunani. Igitigiri c’abapfasoni ba bulamatari ciyongeye incuro zirenga zibiri mu gihe ic’abashingamateka ciyongeye hafi y’ica gatatu.
Susan Kihika, yatowe kuba bulamatari wa mbere w’umupfasoni mu karere ka Nakuru, avuga ko ayo matora yanditse amateka mu gihugu ca Kenya. Yamara avuga ko batarashika ku rugero bifuza gushikako.
Kihika ni umwe muri ba bulamatari b’abapfasoni indwi kuri 47 mu gihugu cose.
Prezida Ruto yemeye gutegekaniriza abapfasoni ibice 50 kw’ijana vy’ibibanza vyose muri reta yiwe.
Facebook Forum