Uko wahagera

Abamenyeshamakuru 2 Barishwe Bariko Batohoza Amakuru muri Haiti


Abamenyeshamakuru muri Haiti mw'ibarabara batinya kuraswa mu myiyerekano hagati y'igiporisi n'abakora imyiyerekano, kw'itariki ya 31/102019 i Port-au-Prince, Haiti.
Abamenyeshamakuru muri Haiti mw'ibarabara batinya kuraswa mu myiyerekano hagati y'igiporisi n'abakora imyiyerekano, kw'itariki ya 31/102019 i Port-au-Prince, Haiti.

Muri Haiti, abamenyeshamakuru babiri barishwe barashwe, ibiziga vyabo bica biraturirwa. Ibi vyabaye igihe bariko baratohoza amakuru, mu gace ko ku murwa mukuru Port-au-Prince, kagenzurwa n’imirwi y’inkozi z’ikibi.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru muri Haiti rivuga ko bugize kabiri ubwicanyi nk’ubwo buba muri uyu mwaka. Rivuga kandi ko abo babiri bishwe bari mu bamenyeshamakuru indwi batewe n’ako kagwi ku musi w’Imana, bari mu gace ka Cite Soleil, muri Port-au-Prince. Bari mu matohoza ku bwicanyi buhakorerwa, harimwo n’umwigeme w’imyaka 17 aheruka kuhicirwa.

Imirwi y’abicanyi yariyongereye muri Haiti kandi igira inguvu zidasanzwe kuva kw’itariki 7 y’ukwezi kw’indwi, 2021, igihe Prezida Jovenel Moïse agandagurwa.

Mu kwezi kwa mbere, abandi bamenshamakuru babiri barishwe n’iyo mirwi y’abicanyi, igihe bariko baratohoza amakuru mu gace ka Laboule, kazwi ko karangwamwo umutekano muke mu bumanuko bwa Port-au-Prince.

@AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG