Uko wahagera

Uburundi Bwafuse Urwego rw'Abashingantahe


Bamwe mu bashingantahe bo mu Burundi mu nyambaro zibaranga
Bamwe mu bashingantahe bo mu Burundi mu nyambaro zibaranga

Urwego rw’Abashingantahe rwafuswe mu Burundi. Ni inyuma y’aho kuri uyu wa mbere, mu ntara zose zigize Uburundi habaye amatora y'abagize urwego rw’abahuza bo ku mitumba n'amakaritiye. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’ubw’ubutungane bushikiriza ko abo batowe bazoba bashinzwe guca imanza no gutatura amatati yo ku mitumba imbere y’uko izo manza zishikira ama sentare y'intango.

Ishirwaho ry’abahuza ku mitumba n’amakaritiye agize Uburundi rifise intumbero yo kugabanya amati yo mu kibano nk’uko biri mw’itegeko rishiraho urwo rwego riheruka kwemezwa n’inama nshingamateka. Umutumba n’amakaritiye mu yirenga 2900 ubwirizwa kwitorera abahuza 15 barimwo abagabo n’abagore.

Mu matora yabaye kuri uyu wa mbere, abategetsi batari bake bagiye gutorera ku mitumba bavukako. Ikindi gikorwa gikomeye kirindiriye iyo ntahe yo ku mugina, ni amatati y’amatongo, ari nayo afata ikibanza ca mbere mu manza ziri mu ma sentare y’intango.

Uwutwara Inama nkenguzamateka, Emmanuel Sinzohagera, na we nyene yagiye gutorera mu ntara avukamwo ya Bujumbura rural, yateye akamo abanyagihugu kabasaba kugumiza ijisho kuri abo bahuza batowe. Iyo ntahe yo ku mugina ni yo izorungika imanza zayinaniye mu ma sentare y’intango.

Ico bikoze, hari abafise amakenga ko urwo rwego rwashizweho ku mvo za politike.
Ni nka bamwe mu bagize umugambwe CNL utavuga rumwe na reta mu ntara ya Ngozi. Bamwe muri bo babwiye Ijwi rya Amerika ko ku mitumba 10 y’amakomine atatu ari yo Nyamurenza, Ngozi na Kiremba, abaturuka mu mugambwe CNL bankiwe kuja ku rotonde rw’abitoza.

No mu Ruyaga mu ntara ya Bujumbura rural ni nk’uko, abanyagihugu berekanye amakenga bafise, maze bituma badatora.Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwatangaje ko abo bahuza nibamara kurahira bagatangura amabanga yabo italike 15 z’uku kwezi kw’9, urwego rw’abashingantahe ruzoba rufuswe mu gihugu cose.


Amashirahamwe yigenga ariyamiriza ico gikorwa co gufuta urwego rw’abashingantahe bamye batatura abatase, bagaca imanza mu kibano, kuva ku ntwaro ya cami. Urunani rw’amashirahamwe yigenga FORSC rubona ko ari igikorwa gishobora gucanishamwo Abarundi.

Amashirahamwe yigenga arafise amakenga kandi ko hashobora kujamwo imvo za politike bigatuma hatorwa abakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi. Ernest Nkurunziza, umunyambanga w’urunani Forsc kuri micro y’Ijwi rya Amerika, ati ubushingantahe ni umugenzo n’ibanga bitazokwigera bizimangana.

Abo baharanira agateka ka zina muntu bemeza ko iryo futwa rw’urwego rw’abashingantahe rizogira ingaruka mbi nyinshi mu kibano. Yamara bakongerako ko n’ubundi bari basa n’abarengewe n’urwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi mu ntara zimwe zimwe. Bibutsa ko kuva umugambwe Cndd-Fdd uja ku butegetsi mu mwaka w’I 2005, wamye uvuga ko urwego rw’abashingantahe ataco rumaze mu gihugu.

Umukuru w’igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, mu kiyago aheruka guha abanyagihugu n’abamenyeshamakuru, yari yamenyesheje ko abashingantahe ata jambo bazosubira kugira, aca yemeza ko urwo rwego rw’abahuza ruzogabanya igitigiri c’imanza ziri mu masentare y’intango.

Urwo rwego rukukira ubushikiranganji bw’Ubutungane. Ubwo nabwo bushikiriza ko ari igikorwa gikomeye mw’itunganywa ry’ubutungane bwegereye abanyagihugu.


Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

Abatandukanye Ntibashigikiye ko Urwego rw'Abashingantahe Rufutwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:29 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG