Uko wahagera

Bimwe mu Vyaranze Umwamikazi Elizabeti wa Kabiri


Britain Queen Elizabeth II
Britain Queen Elizabeth II

Umwamikazi Elizabeth wa kabiri ni umwamikazi benshi mu banyagihugu b’Ubwongereza bakiriho uyu musi bamenye. Azwi nk’icitegererezo c’igihugu, ibihugu biri mu bwami bwiwe hamwe n’umuryango wa Commonwealth w’ibihugu bikoresha ururimi rw’icongereza. Yikwegeyeko yigarurira inkomezi n’inyifato y’abongereza imbere y’uko anamenya ko azohava aba umwamikazi.

Mu mwaka wa 1947 ahimbaza imyaka 21 y’amavuko, yatanze ikiganiro ku mboneshakure avuga ku rugendo rwiwe rwa mbere yakoze hanze y’umugabane wa Bulaya mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Yagize ati “Ndabatangariza ko ubuzima bwanje bwose bugufi canke burebure buzobitangira bunitangire inda yacu y’ingoma ihambaye twese dukomokako”

Uwo mwaka nyene yabiranye n’umushikirangoma Philip yavukiye mu gihugu c’Ubugiriki.

Ku myaka 25, Elizabeth yaroye ku ngoma inyuma y’urupfu rwa se amuvyara George wa gatandatu. Yabonye impindutse zimbitse mu mibano y’abantu mu matwara yiwe yamaze imyaka irenga mirongo irindwi, umwanya yagabishije ku kaga ko guta nk’akanuka ivyiyumviro vya kera mu gihe himakazwa uturusho tw’ivumbura rya none.

Ubwa mbere yandika ku rubuga rwa Twitter hari muri 2014.

Ni ibintu bike atashitseko: yari umwamikazi wa mbere yaganje umwanya muremure kurusha abandi bami bose bo kw’isi.

Umwanditsi akaba n’umusesanguzi w’ivy’i bwami Richard Fitzwilliams yagize ati: “Nk’umukuru wa Commonwealth, umwamikazi hari ivyabazwa vya kahise. Rimwe na rimwe ni kahise kagoye kwiyemeza kuko wiyumvira ubwami, wiyumvira nk’akarorero amabi ya gikoroni. Ariko ku vyerekeye umwamikazi, wibaza ubwitange bwiwe ku muryango”.

Umwamikaze Elizabeth yaserukiye Ubwongereza mu bucuti n’abo bose bari bafise indangagaciro zimwe zabwo z’ubwigenge, ubungane na demokorasi mu buntu, ahangana n’abatabikoze.

Umwamikazi ntiyari abuze amakemwa mu gihugu ciwe bwite. Bamwe bamubona nk’igishushanyo c’urwego kitakigira ikibanza mu bihe vya none, isi y’ubwisanzure n’ubwiyunge na demokarasi, akabonwa nk’umutwaro ku munyagihugu w’Umwongereza ariha itagisi.

Urupfu rw’umuganwakazi w’icamamare Diana kabaye akaryo ku bamurwanya ko kumwagiriza ko yigize ikizeze yanka kugira ico akoze. Aho yagira icabwiye igihugu, harimwo ukuri kwinshi.

Umwamikazi Elizabeth wa kabiri yagize ati: “Ivyo ndababwiye ubu, nk’umwamikazi n’umunyokuru, mbivuze bivuye ku mushaha. Ica mbere, nshaka kubaha Diana ubwanje. Yari ingabire idasanzwe nka kiremwa muntu”.

Umubano w’umwuzukuru wiwe umushikirangoma William na Kate Middleton wazanye amaraso mashasha mu rwego rwa kera cane.

Igihe umushikirangoma Harry yabirana n’umukinyi w’ireresi w’Umunyamerikakazi Markle, Elizabeth yari kw’isonga ry’umuryango uboneka nk’uwujana n’ibihe, wa rurangiranwa, wagutse kandi uzwi n’isi nzima.

Ariko hari ibihe bibi biwurindiriye. Umuhungu wiwe wa kabiri, umushikirangoma Philip, yakozweko amatohoza ku migenderanire afitaniye n’umuntu yahanishijwe kuba yarasambanije umwana.

Harry na Meghan bitandukanije n’umuryango w’ubwami kubera ivyagiriji vy’amacakubiri afatiye ku rukoba.

Urupfu rw’umushikirangoma Philip, umugabo wa Elizabeth muri 2021 rwasize igicapo gihoraho, umwamikazi yifasha ikigandaro mu gihe ikiza c’umugera wa virusi ya korona cariko kirandagata mw’ihanga ryiwe.

Mu kwa cenda, yemeje umushikiranganji wa mbere agira 15 wo ku ntwaro yiwe, igikorwa ca nyuma gikomeye yakoze ku mugaragaro.

Umwamikazi Elizabeth ni igihangange muri kahise ka kimwe mu bihugu rutura vyo kw’isi, ikiraro hagati ya kahise k’ubukoloni bw’Ubwongereza na kazoza k’ico gihugu nk’umufatanyabikorwa mw’isi itandukanye cane rwose n’iyo yavukiyemwo.

Agendera Ubudagi muri 2015, yavuze ku mpinduka zagutse yabereye gihamya.

“Mu buzima bwacu nyakubahwa prezida, twarabonye amahano ariko kandi n’ivyiza ku mugabane wacu. Twariboneye uko ibintu bishobora guhinduka vuba mu neza ariko tunazi ko tubwirizwa gukora cane kugira tugumye inyungu z’inyuma y’intambara y’isi”.

Mu migenzo ya cami mu Bwongereza, iyo Elizabeth abereye umurinzi, ubu iri mu minwe ya ba samurarwa biwe mu gihe Charles yitegurira kwima ingoma. Ubwongereza barazwe butandukanye bikomeye hafatiwe ku bitigiri vy’abantu, imico n’ubutunzi.

Mw’isi yahindutse nk’ikigwati, irimwo ivyiyumviro indiri, akazi kabo ko kwerekana igicapo ubudahangarwa si yororo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG