Umuririmvyi w'umunyarwanda, Itahiwacu Bruce, azwi kw'izina rya Bruce Melodie, afungishijwe ic’amaso mu Burundi. Umwe mu begereye ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi yemereye ano makuru Ijwi ry’Amerika inyuma y’igisa nk’ukujuragirika kwabaye ku bakoresha imbuga ngurukanabumenyi, aho bamwe bavuga ko yarekuwe abandi barimwo n'abegereye ubutegetsi bakabihakana.
Mu butumwa bugufi umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika yarungikiye uwo yegereye ubushikiranganji bw'umutekano mu Burundi, yamwandikiye ati: “Bite? Bruce Melodie yoba agifunzwe canke yarekuwe?”, nawe asubiza ati: “ Arafunzwe.”
Uwo mumenyeshamakuru inyuma yo kumuhamagara ngo yumve ko yomuha Ijwi ryemeza ano makuru, ariko ntafate terefone, yabandanije amubaza mu butumwa bw’inyandiko niba ibiteramo vya Bruce Melodie vyari bitegekanijwe ku musi wa gatanu n’uwa gatandatu i Bujumbura mu Buurndi bikibaye, nawe amurungika ku rubuga rwanditseko ko ivyo biteramo bitakibaye. Yagize ati: “ Raba aha.”
Urubuga uwegereye vya hagufi ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi yahaye umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika rwanse kuguruka, yamubwiye ko “Link yanse kuguruka”, uwundi amusubiza agira ati: “ Yokwanka kuguruka gute? Nta na kimwe azogira kuko arafunzwe.”
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burundi, ari nabwo bubarizwamwo umutekano w’igihugu, bwacishijje ubutumwa ku rubuga rwabwo rwa Twitter, buvuga ko Bruce Melodie afungishijwe ic’amaso, ku mvo z’amatohoza afatiye ku vyaha vy’ubutekamutwe. Gusa, ubwo butumwa bwagiye gufutwa inyuma y’umwanya butangajwe.
Ijwi ry’Amerika ryabajije isoko ryabwo ryo muri ubwo bushikiranganji aho Bruce Melodie afungiwe, ariko ryanka kwishura iki kibazo. Ico bikoze, ibimenyshamakuru bikorera mu gisata c’imyidagaduro mu Burundi, vyatangaje ko Bruce Melodie yahatiwe ibibazo mu biro vy’inyamiramabi biri muri karitiye ya Bwiza mu kiringo c’amasaha arenga atatu. Ivyo bibazo yabihaswe mu gihe abamenyeshamakuru bari bamurindiriye mu kibanza citwa Zion Beach, aho vyari bitegekanijwe ko aha ikiganiro abamenyeshamakuru yishura ku biteramo yari kuremesha i Bujumbura.
Bruce Melodie yahagaritswe amaze kugera i Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi bw’Uburundi, ku busabe bw’umurwizatunga yitwa Toussaint, asanzwe anategura ibiteramo. Toussaint yagiriza Bruce Melodie ko amuheraniye amadorali y’Amerika 2000 (Yababa imiriyoni indwi z’amarundi), yamuhaye ategura igiteramo yari abwirijwe kuzamwo mu Buurndi mw’ici ryo mu mwaka uheze, ariko Reta y’Uburundi ikaza kugisivya. Ayandi mafaranga Toussaint yaka Bruce Melodie, ni imiriyoni 30 z’amarundi uwo murwizatunga yemeza ko yashoye mu kwitegurira Melodie aza mu Burundi.
Mu kwisigura nkuko tubikesha amasoko yacu mu Burundi, Melodie yagize ati: “ Management yanje yarahindutse! Ayo mahera avuga sinzi uko yayatanze, kugira tworoshe ibintu, turashobora kumuriha izo dolari 2000, ariko izo miriyoni 30 ntazo turiko turatanga.”
Ihagarikwa rya Bruce Melodie ryavugishije benshi barimwo imice itandukanye y'abantu: Umwe mu bakozi b’ubumwe bwa Afurika i Addis Abeba muri Etiyopiya, yegereye ubutegetsi bwo mu Burundi yabwiye Ijwi ry’Amerika ati:” Ni akambaro k’ibara, ababikoze ntibari babwirijwe kubikora, na rirya Uburundi ubu ari bwo buramustwa EAC…iki kibazo camaze gushika kwa Prezida Never, naho unyemeje ko ibiteramo vya Melodie bitazoba, bishobora guhindura umurindi bikaba, kugira Uburundi bwiyambike agashamabara, ariko uko biri kose, Melodie yarakosheje. Reka ejo nzoba nkubwira ibikurikira mvuganye n'abegereye i bukuru kundusha. Ino dosiye ariko, umenye ko ari dosiye yo kudafata minenerwe”
Mu baririmvyi nabo bamaze kugira ico bavuga kw'itabwa muri yompi rya Bruce Melodie, harimwo Umurundi Jean Pierre Nimbona batazira Kidumu, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ati: “Ibi ntivyari bikwiye kugenda uku! Mumureke Bruce Melodie akore concert yiwe amafaranga mwoba mufitaniye muyishuzanye ukundi kuntu mutarinzi kumaramazanya. Ivyabaye kirya gihe vyari ibintu birengeye aba artistes.”
Uwundi nawe asa nk’uwukirikirana imyidagaduro ku rubuga rwiwe rwa Twitter yanditse ati: “Umuziki nta nzigo, aho ndi nteramiye ku gacupa mw’ibare, bariko bavuza akaririmbo ka Melodie, Akanywafu. Politike ni umucafu, ni batureke twimanukire ino week-end”
Bruce Melodie yahagaritswe agiye mu Burundi aho yari yagiye kuremesha ibiteramo bibiri, birimwo icari gitegekanijwe kuba kuri uyu wa gatanu n’ikindi co ku wa gatandatu. Ni ibiteramo vyaboneka ko vyishimiwe cane n’abakunda umuziki wiwe mu gihugu c’Uburundi, aho bagiye bamwandikira ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Instagram bamusaba “Kutongera gusiba.”
Abamusaba kudasubira gusiba igiteramo, bagaruka ku biteramo Bruce Melodie yagiye arasivya mu Burundi. Muri vyo, harimwo ico ku Noheri yo mu 2018: Ico gihe, vyanuganuzwe ko Bruce Melodie yasibije igiteramo cari kirindiriwe na benshi bivuye ku cuka ca politike kitari ciza hagati y’u Rwanda n’Uburundi.
Mw’ici ryo mu mwaka uheze naho, Bruce Melodie kumwe n’umuririmvyi w’indirimbo z’Imana, Israel Mbonyi, Uburundi bwasibije ibiteramo vyabo vyari kuba mu kwezi kw’indwi. Ico gihe, Reta y’Uburundi yasibije ivyo biteramo ivuga ko abo banyamuziki b’Abanyarwanda ata burengazira bafise bwo kuremesha ibiteramo mu Burundi kuko “Batabisabiye impusha.”
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu c'Uburundi, bubicishije ku waburamutswa, Gervais Ndirakobuca, bwavuze ko ku mvo z’umutekano no kwirinda ikiza ca virusi ya corona “Ata muntu Uburundi buzokwemerera kuza gucuraranga ku butaka bwabwo avuye mu Rwanda ruri muri guma mu rugo, kuko yohava abazanira ico kiza.”
Si ubwa mbere igisata c’umuziki hagati y’u Rwanda n’Ubuurndi kibayemwo udutosi: Mu 2015 inyuma y’aho ubutegetsi bwa nyakwigendera Pierre Nkurunziza buhatswe guhirikwa, Reta y’Uburundi yatanze itegeko ry’uko ata muziki w’u Rwanda n’umwe wovugira ku maradiyo yakorera muri ico gihugu ico gihe.
Facebook Forum