Uko wahagera

RDC: Abarenga 10 Barishwe n'Abitwaje Ibirwanisho muri Beni


Inzu zaturiwe hafi ya Beni, muri repuburika ya Demokarasi ya Kongo, kw'itariki ya 18/02/2020.
Inzu zaturiwe hafi ya Beni, muri repuburika ya Demokarasi ya Kongo, kw'itariki ya 18/02/2020.

Igisirikare muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo cavuze kuri uyu w’Imana ko ubwicanyi bwabaye mu mpera z’indwi iheze mu buseruko bw’igihugu bwahitanye abantu barenga cumi mu misi itatu yikurikiyanije.

Abasirikare babiri bari mu basize ubuzima muri ico gitero cakozwe n’abarwanyi b’aba Mai Mai catanguye ku musi wa gatanu.

Umutegetsi w’igisirikare mu ntara ya Kivu y’uburaruko yavuze ko abasirikare babo bapfiriye ku kirindiro co mu gisagara ca Butembo.

Umukuru wa sosiyete sivile mu gisagara ca Lodjo, muri Ituri, Prince Kaleta, yavuze ko ku musi w’Imana muri iyo ntara, abantu batandatu bakora mw’icukuriro ry’ubutare bishwe baciwe ibihimba bw’umubiri n’abarobeli b’umuhari CODECO.

Flavien Kakule, arongoye igisagara ca Bashu, muri teritware ya Beni nawe yavuze ko abasivile batatu bishwe mu gitero c’umuhari w’iterabwoba ADF, muri Kivu y’uburaruko, mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG