Uyu musi ku wa gatanu indege yarashe ku murwa mukuru w'intara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya. Abategetsis b'iyo ntara bagiriza Reta ya Etiyopiya kuri ico gitero.
Televiziyo y’intara ya Tigreya yerekanye amasanamu y’inyubakwa zononekaye n’abantu basa n’abakomeretse baryamye hasi bariko bitabwaho n’abajejwe amagara y’abantu.
Rimwe mu mashirahamwe ajejwe gutabara yemeje ko umwe mu bakozi baryo ku murwa mukuru wa Tigreya, Mekelle yumvise amabombe aturika n’amasasi y’ibikoho birasa indege ariko arasana.
Imbere y’aho, uno musi kuwa gatanu, Reta ya Etiyopiya yasavye abanyagihugu baba mu ntara ya Tigreya kwirinda ibibanza vya gisirikare n’ibiberamwo imyimenyerezo ya gisirikare. Imenyesha ko ifise imigambi yo gukora ibitero ku basirikare b’intara ya Tigreya.
Ntaco umuvugizi wa Reta ya Etiyopiya, Lagesse Tulu, yishuye igihe itororonakirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ryamubaza kugira agire ico avuga ku gitero c’uno musi kuwa gatanu ku murwa mukuru w’intara ya Tigreya, Mekelle.
Facebook Forum