Uko wahagera

Ekleziya Katorika Yoba Iriko Yitegurira Guhitamwo Uwuzosubirira Papa Fransisiko?


Bamwe mu bakardinali kumwe na Papa Fransisiko
Bamwe mu bakardinali kumwe na Papa Fransisiko

Abakardinali b'idini rya Elkeziya Katolika bava mu bice bitandukanye vyo kw'isi bazokoranira i Vaticano mu mpera z'iyi ndwi. Iryo koraniro ribonwa ko rishobora kuba ririko ritegura ibishobora gukurikizwa mu guhitamwo uwuzosubirira Papa Fransisiko igihe yo kwitaba umuremyi canke atanze imihoho.

Ku musi wa gatandatu, Papa Fransisko azogena abasenyeri 20 bazokwinjira mu rwego rw’abakardinali bajejwe kuba abahanuzi bakomeye ba Papa n’ugutora Papa mushasha.

Muri bo 16 bari musi y’imyaka 80. Bazoja mu murwi w’abakardinali barekuriwe kuja mu nama igenewe guhitamwo Papa mushasha iba mu mwiherero. Buzoba bubaye ubugira umunani, mu birori vyo ku musi wa gatandatu, Papa Fransisko agena abakardinali bashasha basangiye muri rusangi uburyo abona ibintu ku vy’uko Ekleziya Katolika yohuza bose kurushiriza.

Papa Fransisko yatowe mu mabanga ya Papa mu mwaka w’i 2013. Amaze gutora gushika ubu abakardinali 83 ku bakardinali 132 bajejwe guhitamwo Papa mushasha, n’ukuvuga hafi y’ibice 63 kw’ijana. Papa Fransisko, afise imyaka 85 muri iki gihe, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, mu kiganiro mu kwezi guheze, ko ata migambi afise y’ugutanga imihoho mu bihe vya vuba. Ni ukuvuga ko ashobora kuzogena abandi bakardinali mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG