Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, ryasavye ko imiti ibiri y'ukuvura indwara ya Ebola yokoreshwa. Rimenyeha ko ikoreshwa ry'imiti nk'iyo bifatanije n'ukwitabwaho neza kurushiriza kw'abafise Ebola, vyafashije kuvura iyo ndwara vyabonwa imbere imbere yaho ko uwuyirwaye amaherezo ari ugupfa.
Robert Fowler, umwigisha muri kaminuza yo Toronto, muri Canada, avuga ko intambwe zashitsweko mu myaka cumi irangiye vyafashije bikomeye mu vyerekeye kuvura indwara ya Ebola.
Amenyesha ko umugera w’indwara ya Ebola wahora ubwonwa ko uwuwanduye atayandi maherezo atari urupfu. Ngo yamara siko ibintu bikimeze muri iki gihe.
Fowler avuga ko kwitaho neza abarwaye Ebola hamwe n’ikoreshwa ry’imiti ihari muri iki gihe, Inmazeb na Ebanga bituma benshi mu barwaye iyo ndwara bakira. Yamara nta biharuro bigaragara yatanze.
Ivyasabwe n’ishirahamwe OMS vyakwirikiye igeragezwa ry’imiti, ku ndwara ya Ebola muri Republika ya demokrasi ya Kongo hagati y’umwaka w’i 2018 n’umwaka w’i 2020 igihe iyo ndwara yiyadukiza muri ico gihugu.
Muganga Janet Diaz, ajejwe imigambi yihutirwa y’ivyerekeye ubuvuzi mw’ishirahamwe OMS, yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo miti ihari muri iki gihe muri Kongo. Yamara ko hakiri ibigikenewe gukorwa kugira abantu bashobore kuyironka mu buryo bworoshe kurushiriza.
Amenyesha ko arico kintu boshimikirako kurusha ibindi muri iki gihe.
Facebook Forum