Abasirikare barenga 49 ba Cote d’Ivoire bapfungiwe muri Mali kandi bagirizwa kuba abacangero begetsweko icaha co kugerageza kubangamira umutekano wa Mali.
Amakuru ava mu butungane yavuze ko umushikirizamanza mukuru yegetse icaha kuri abo basirikare ku musi wa gatanu, mu gihe baza bamaze ukwezi kurenga bahagaritswe.
Cote d’Ivoire yarahakanye ivyagirizwa abo basirikare bayo, yongera isaba ko barekurwa kuko bariko bafasha inteko za ONU muri Mali, MINUSMA, mu bikorwa vyayo vya misi yose.
Ariko ibiganiro hagati ya Cote d’Ivoire na Mali bitumbereye kurekuza abo basirikare 49 biracabandanya nkuko amakuru yegereye abari muri ivyo biganiro abivuga. Ayo makuru avuga ko Mali isaba Cote d’Ivoire kwemera kugira uruhara mu gushaka guhungabanya umutekano no kuvuga ko yicuza kurungika abo basirikare.
Mali ikeneye kandi ko Cote d’Ivoire itanga abantu baronderwa na Mali bari ku butaka bwa Cote d’Ivoire kuva mu 2013, nkuko ayo makuru abandanya abivuga.
Cote d’Ivoire yaranse ivyo vyose isabwa na Mali ahubwo ivuga ko iriko iritegura kubandanya ibiganiro kugira abasirikare bayo barekurwe.
Facebook Forum