Ubushinwa bwarashe uno musi ku wa kane misile zitari nke hafi ya Taiwan mu myimenyerezo ya gisirikare ikomeye cane, umusi umwe inyuma y'uko umuyobozi w'inama nshingamateka ya Amerika, Nancy Pelosi agendeye iryo zinga ryigenga.
Iyo myimenyerezo yatanguye ku mutaga w’uno musi ku wa kane, yarimwo kurasa za misile mu mazi y’ibahari ari mu buraruko, mu bumanuko no mu buseruko bwa Taiwan, Ubushinwa bwiyitirira.
Igisirikare c’Ubushinwa catangaje hafi y’isaha icenda n’igice zo ku muhingamo ko carangije imyimenyerezo yaco yo kurasa za misile mu mazi ari mu buseruko bw’izinga rya Taiwan.
Kimenyesha ko vyari mu mugambi w’imyimenyerezo ya gisirikare yari itegekanijwe kubera mu bice 6 bitandukanye. Iyo myimenyerezo izobandanya gushika isaha zitandatu zo ku mutaga ku musi w’Imana.
Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Taiwan, bwatangaje ko Ubushinwa bwarashe ubwoko bwa misile “balistik, Dongfeng” mu mazi ari mu micungararo y’iryo zinga.
Ubwa nyuma vyaheruka kuba hari mu mwaka w’i 1996.
Abategetsi ba Taiwan batangaje ko imyimenyerezo ya gisirikare Ubushinwa bwakoze uno musi ku wa kane iteye kubiri n’amategeko y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Bavuze kw’iyo myimenyerezo igeramiye ikirere cayo, hamwe n’uruja n’uruza mu kirere no mu mazi.
Imbere y’uko Ubushinwa butangura icese imyimenyerezo ya gisirikare yabwo, ubwato bw’ingwano n’indege z’ingwano zabwo vyaciye mu kanya gatoyi incuro zitari nke mu muhora w’amazi wa Taiwan, mu gitondo c’uno musi ku wa kane.
Ubushinwa butangaza ko bufise uburenganzira bwo gufata izinga rya Taiwan ku nguvu. Bumenyesha ko ibibazo budahuriyeko na Taiwan vyerekeye Ubushinwa na Taiwani gusa.
Facebook Forum