Uko wahagera

Tanzaniya: Abagera ku 137 Bariciwe mu Makambi y'Abarundi mu Kiringo c'Imyaka 6


Ikambi ya Nduta, imwe mu zo abarundi bahungiramwo kuva mu 2015
Ikambi ya Nduta, imwe mu zo abarundi bahungiramwo kuva mu 2015

Mu kiringo c’imyaka 6 ishize abantu hafi 137 bariciwe mu nkambi z’Abarundi zibarizwa mu gihugu Ca Tanzaniya bazira ivya poritike, amatati y’amatongo, amoko n'ibindi bitandukanye, abandi barenga gato 98 baraburiwe irengero.

Ivyo bitigiri bitangwa n’igisata kijejwe iperereza mu biro vy’igipolisi komine Kibondo nyuma y’igikorwa c’isakwa ry’abagizi ba nabi ririmwo kubandanya mu nkambi n’inyuma yi nkambi muri iki gihe, babiri bafatanywe ibirwanisho ejo kuwa mbere bavuye mu Burundi bariko baraja mu nkambi ya Nduta.

Umuvugirizi w’igipolisi komine Kibondo John Msuha mu kiganiro n’abanyamakuru kuri uyu wa kabiri yavuze ko hafi buri ku mwaka utashe abantu barenga 18 baricwa bazira ivya poritike, amatati y’amatongo, amoko n'ibindi bitandukanye.

Zimwe mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nduta zo zisanga abakora ubwo bubisha ari intumwa z’Abanyeporitike. Bavuga ko kubera inkambi za Nduta na Nyarugusu ziri hafi y’umupaka w’igihugu c’Uburundi ni yo mpamvu vyorohera abagizi ba nabi kwinjira mu nkambi.

Umviriza ibindi mu nkuru y'Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika muri Tanzaniya, James Jovin

Abicirwa mu Makambi y'Abarundi muri Tanzaniya Bazira iki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:57 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG