Reta y’Uburundi yatangaje ko yashize inguvu zikomeye mu kurwanya imigwi y’abarwanyi bitwaje ibirwanisho binyegeza mu banyagihugu. Umushikiranganji w’umutekano yatangaje ko mu kiringo c’umwaka, imigwi irenga 35 yasambuwe, ibirwanisho birenga 120 harimwo inkoho n’amabombe birafatwa.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano bumenyesha ko reta yatahuye ko umutekano w’abanyagihugu ari wo shimikiro w’ibikorwa vyose vy’igihugu. Gutyo ko muri ico gisata hasigaye hashirwamwo uburyo bwinshi bwaba ubw’amafranga, ibikoresho n’ibindi.
Igihe yariko arashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mwaka wose, ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, umushikiranganji Gervais Ndirakobuca, yatangaje ko muri iyo ntumbero, imigwi y’abarwanyi n’abagizi ba nabi myinshi yasambuwe, yaba iyizwi canke iyitazwi, ibirwanisho bitari bike birafatwa.
Umviriza ibindi aho hepfo, mu nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru, akorera Ijwi ry’Amerika, I Kigali mu Rwanda.
Facebook Forum