Uko wahagera

Guterres Yemeza ko Ikibazo c'Ingano Zugaraniwe muri Odesa Kigiye Gukemuka


Umurimyi ariko arimbura ingano mu murima hafi y'i Izmail, mu ntara ya Odessa kw'itariki ya 24/06/2022.
Umurimyi ariko arimbura ingano mu murima hafi y'i Izmail, mu ntara ya Odessa kw'itariki ya 24/06/2022.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze kuri uyu wa gatatu ko habaye umwumvikano hagati y’Uburusiya, Ukraine, Turukiya n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Antonio Guterres yavuze ko bumvikanye ku kurekura amatoni y’ingano yugaraniwe mu bigega vy’ibifungurwa ku kivuko ca Odesa, kuva Uburusiya bwinjira muri Ukraine kw’itariki ya 24 y’ukwa kabiri.

Guterres yavuze ko iyi ntambwe ya mbere ishimishije, inyuma y’aho umushikiranganji wa Turukiya wo kwivuna abansi atangarije ko habaye kumvikana ku bibazo bihambaya.

Uwo mushikiranganji yemeje ko bumvikanye gushiraho ikigo kizogenzurwa n’Uburusiya, Ukraine hamwe na ONU, kizoba kijejwe kumenya ko ubwato butwaye ingano buva mu kivuko c’i Odesa buhavuye mu mahoro.

Guterres yavuze ko intumwa muri ivyo biganiro zasubiye mu bihugu zavuyemwo, kandi ko yizeye ko umubonano uzokurikira mu ndwi iza kuzoba ari ugushika ku masezerano yuzuye.

Amatoni arenga imiriyoni 20 y’ingano zo muri Ukraine abitswe mu bigega biri ku kivuko ca Odesa, kandi amato atari make yarabuze inzira acamwo kubera Uburusiya bwigaruriye ico kivuko.

AP, AFP na Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG