Uko wahagera

Ibitero vya ADF Vyahitanye Batanu mu Buseruko bwa RDC


Muri Repubulika ya demokarasi ya Congo abakekwa kuba abarobeli barishe abantu batanu, barimwo abana bane barishwe batuririwe mu nzu. Bongeye bwafata bunyago abandi barenga cumi mu gitero bakoze mu buseruko bw'igihugu.

Jacques Anayeyi, umukuru w’akanama k’urwaruka mu ntara ya Ituri, yavuze ko iki gitero cakozwe n’abarobeli ba ADF mw'ijoro ryo ku musi wa gatandatu, mu mihana y’i Busiyo, muri iyo ntara.

Anayeyi avuga ko abanyagihugu batanu bakomeretse, abandi baranyuruzwa. Abo barobeli barateye ikindi kigwati kihegereye ku musi wa kane, bica abantu babiri bongera banyuruza abashika kuri 40.

Nawe Faustin Babanilao Mboma, umutegetsi muri iyo ntara, yavuze ko iki gitero kibaye mu gihe bariko baritegura kwakira abanyagihugu bahunze ibitero vyahitiye muri ako karere.

Umuhari w’iterabwoba, ADF, wagirijwe kandi kugandagura abasivile b’abakongomani hamwe n’ibitero vy’iterabwoba mu gihugu kibanyi Uganda.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG