Uko wahagera

Amerika n'Ubushinwa Vuba Barakorana Ibiganiro


Bamwe mu bategetsi b'Ubushinwa n'Amerika
Bamwe mu bategetsi b'Ubushinwa n'Amerika

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Anthony Blinken, azogirana ibiganiro n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubushinwa, Yang Yi. Ni ku ruhande rw'inama y'abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'umurwi G-20 ugizwe n'ibuhugu biteye imbere n'ibiriko biratera imbere kw'isi izobera mu gisagara ca Bali muri iyi ndwi.

Iyo nkuru yatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika uno musi ku wa kabiri. Blinken na Wang, baheruka guhura mu kwezi kw’icumi kw’umwaka uheze. Bazoba babonanye mu gihe hari ukutumvikana gukomeye ku bibazo bitari bike harimwo ikibazo ca Taiwan.

Inama hagati y’abo bategetsi 2 izoba ibaye mu gihe Prezida wa Amerika, Joe Biden yerekanye icizere ku biganiro bishasha azogirana mu ndwi ziri imbere na prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, atarasohoka igihugu ciwe kuva ikiza ca Covid-19 cadutse.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika butangaza ko Anthony Blinken azogira ibiganiro kandi na mugenzi we wa Indoneziya hanyuma aje muri Tayilande, ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi mu rugendo rwari rwasibishijwe mu mwaka uheze.

Inama hagati ya Amerika n’Ubushinwa zigeze kuba zisanzwe ziba akatari gake, zisa n’izahagaze mu kiringo c’ikiza ca Covid-19 no mu gihe icuka kibi cateye ciyongera hagati y’ivyvo bihugu bibiri bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vy’ubutunzi. Yamara kuva mu kwezi guheze, ibiganiro bisa n’ivyasubiye kuba hagati y’abategetsi bakomeye b’ivyo bihugu vyompi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG