Uko wahagera

Bulgariya Yirukanye Abadiplomate b'Uburusiya

Abakozi ba ambasade y'Uburusiya n'imiryango yabo bagiye gufata indege inyuma yo kwirukanwa na reta ya Bulgariya, ku kibuga c'indege ca Sofia, Bulgariya, kw'itariki ya 3/07/2022
Abakozi ba ambasade y'Uburusiya n'imiryango yabo bagiye gufata indege inyuma yo kwirukanwa na reta ya Bulgariya, ku kibuga c'indege ca Sofia, Bulgariya, kw'itariki ya 3/07/2022

Umudiplomate w’umurusiya yavuze ko ejo kuw'Imana, indege zibiri zitwaye igitirigiri kinini c’abadiplomate b’Abarusiya n’imiryango yabo zavuye muri Bulgariya.

Umudiplomate w’umutegetsi ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru, Sofia, yemeje ko abadiplomate b’Abarusiya 70 babwiwe ko batagikenewe muri Bulgariya mu ndwi zibiri ziheze. Bari basabwe kuva mu gihugu bitarenze ejo kuw’Imana.

Ingingo yo kubirukana yatangajwe mu ndwi iheze n’umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza, Kiril Petkov, adacana uwaka n’Uburusiya inyuma y’aho bwinjiriye gutera muri Ukraine mu kwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG