Uko wahagera

Amerika Yiyemeje Gufasha Afuganistani Inyuma ya Nyamugigima


Abagize ingaruka za nyamugigima
Abagize ingaruka za nyamugigima

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yagaragaje umubabaro kuri nyamugigima yabaye muri Afuganistani. Yavuze ko igiye kurondera inzira yocamwo kugira ifashe, harimwo no kuganira n’abategetsi b’Abatalibani.

Umuhanuzi wa Perezida Joe Biden mu bijanye n’umutekano, Jake Sullivan, yavuze ko Perezida Biden ariko akurikiranira hafi uko vyifashe. Yamenyesheje kandi ko yategetse ikigo ca Amerika kijejwe iterambere, USAID, hamwe n’ibindi bigo bikorana na Amerika gutororokanya ibikenewe vyo gufasha cane cane abasinzikaye.

Nawe umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, yavuze ko Amerika iriko iravugana n’ayandi mashirahamwe y’abagiraneza akorera muri Afuganistani asanzwe afashwa na Amerika.

Iyi nyamugigima iteye haheze hafi umwaka Perezida Biden akuye abasirikare ba Amerika muri Afuganistani, Abatalibani baca babonerwaho kugaruka ku butegetsi.

Iyi yamugigima yapima urugero rwa manyitide 5.9 yononye ibitari bike mu buseruko bwa Afuganistani, aho abantu nibura 1000 boba bahasize ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG