Uko wahagera

Ubushinwa Bwipfuza Kwumvikanisha Impande Zishamiranye muri Etiyopiya


Umutegetsi wa mbere arungitswe kuba intumwa idasanzwe y’Ubushinwa mw’Ihembe rya Afrika, uyu musi ku wa mbere yatangaje ko yipfuza kwumvikanisha impande zose mu matati zifitaniye.

Xue Bing yabwiye inama yatunganijwe n’igihugu c’Ubushinwa ku murwa mukuru Addis Abeba ko yiteguriye kurongora utwigoro n’ibiganiro vyo kurangiza amatati ari muri ico gihugu.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yaratangaje ko reta yiwe itagishaka ingwano. Yarahakanye amakuru avuga ko hari ibiganiro biriko biraba hagati ya reta yiwe hamwe n’abategesi b’intara ya Tigreya. Yamara yavuze ko umurwi reta yiwe yagenye uzoshikiriza mu misi ya vuba inzira yo kurangiza ikibazo c’ingwano.

Umuvugizi wa reta ya Etiyopiya, Legesse Tulu, ntaco yishuye igihe uyu musi ku wa mbere yabazwa niba reta izokwakira iciyumviro v’Ubushinwa co gutunganya ibiganiro.

Ibindi bihugu biri muri iyo nama yatunganijwe n’Ubushinwa, ni Sudani, Somaliya, Sudani y’epfo, Kenya, Uganda na Djibuti. Igihugu kitari muri iyo nama ni Eritreya. Ico gihugu carafadikanije na Etiyopiya mu ngwano na Tigreya.
Mu mezi aheze, utundi twigoro two kwumvikanisha impande zose twarakoze n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG