Abantu bashika 1.597 ni bo bikekwa ko bamaze kwandura ingwara y’ibihara vy’inkende muri Afrika, mu gihe 66 bamaze kwicwa n’ico kiza.
Icegera c’umuyobozi w’urwego rujejwe kwitaho amagara y’abantu ku mugabane wa Afrika, Ogwell Ouma, uyu musi kuwa kane yatangaje ko iyo ngwara itaratuzwa. Yongeye arasaba ko igihe urucanco rwo kwikinkira iyo ngwara ruzotangura gutangwa, rwotangurira muri Afrika.
Ibihugu vyo muri Afrika bimaze gutangaza abanduye iyo ngwara ni Kamerune, Republika ya Centrafrika, Republika ya Kongo, Republika ya demokrasi ya Kongo, Nijeriya, Maroke, Liberiya, na Sierra Leone.
Bitegekanijwe ko ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kwitaho amagara y’abantu, ritunganya inama yihutirwa mu ndwi iza, izokwihweza ibihugu bigeramiwe cane n’iyo ngwara.(Reuters)
Facebook Forum