Uko wahagera

Uburundi Bwatanguye Kurekura Bamwe mu Bafungiwe Ubusa


Umwe mu banyororo mu Burundi
Umwe mu banyororo mu Burundi

Ubutungane bw’Uburundi kuri uno wa gatanu bwatanguye kurekura abanyororo bafungiwe ubusa. Abanyororo bazorekurwa kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ariko atari ikigongwe, ni abarangije ibihano vyabo, abafunzwe atama dosiye bafise, abarekuwe ariko ntibasohoke amabohero n’abandi.

Mu ntango z’iyi ndwi umukuru w’igihugu kubarekura bizogabanya ubwinshi bw’abanyororo ndetse bigaha isura nziza ubutungane. Amwe mu mashirahamwe yigenga asaba ko mu bafungurwa hatokwibagirwa n’abafungiwe imvo za politike co kimwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bafungiwe ubusa.

ESDDH, (Ensemble pour le Soutien des Défenseurs des Droits Humains en Danger ) rivugira abaharanira agateka ka zina muntu babangamiwe, ritabariza cane cane abayoboke b’umugambwe utaremererwa n’amategeko «Mouvement pour la Paix et le Développement pour Tous – Forces Girafe pour la Libération du Burundi ». Abanywanyi bawo barenga 20 barafungiwe mu ntara zitandukanye nka Makamba, Rutana, Bururi, Kirundo, Muyinga, Cibitoke na Bujumbura.

Kuri micro y’Ijwi rya Amerika, Germain Rukuki atwara, atwara ESDDH, yemeza ko baborejwe igufa, akabasabira kurekurwa kuko bamwe muri bo barengeje amezi abiri mu gasho ka komisariya y’igipolisi. Uwu aheruka kurekurwa na we inyuma y’imyaka 4 afunzwe, avuga ko yibuka akabonge k’abafungiwe ubusa.

Umushikirizamanza mukuru wa republika yatangurije igikorwa co gufungura abafungiwe ubusa, mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Naho ata bitigiri vy’abazorekurwa bose yavuze, yamenyesheje ko ari igikorwa kizobandaniriza mu yandi mabohero.

Ibiharuro bitangwa n’ubugenduzi bw’amabohero ari mu gihugu vyerekana ko amabohero yarengewe n’ubwinshi bw’abanyororo ku bice birenga 300 kw’ijana. Arimwo abafunzwe barenga 1300, kandi yategerezwa kwakira abaterenga 4200.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika

Amashirahamwe Yigenga Atabariza Abafungiwe Politike
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:22 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG