Uko wahagera

Irani Yanyoze Abanyororo 12


Irani yarishe abanyororo 12 bo mw’ibohero ryo mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ibi vyatumye abaharanira agateka ka muntu bagira ubwoba ku kwiyongera kw’ibitigiri vy’abicwa banyonzwe muri iyo Repubulika y’abayisilamiste.

Abagabo 11 hamwe n’umugore umwe, bagiriwe n’ivyaha bijanye n’ibiyayuramutwe canke ubwicanyi. Ishirahamwe ryo muri Irani riharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, IHR, rifise icicaro gikuru muri Norvege, ryavuze ko banyonzwe mu gatondo ko ku musi wa mbere mw’ibohero ry’i Zahedan mu ntara ya Sistan-Baluchestan, hafi y’imbibe za Afuganistani na Pakistani.

Abishwe bose bari abo mu bwoko bw’inkehwa bw’aba Baluch.

Raporo ngaruka mwaka ya Amnesty International, ku bihano vyo kwica biba kw’isi, yavuze ko abishwe muri ubwo buryo mu 2021 biyongereye 314, ku bice 28 kw’ijana muri Irani ugereranije n’umwaka wa 2020.

Amnesty ivuga ko Irani yica abo mu moko y’inkehwa ku vyagiriji bidatomoye kandi hakunze gukoreshwa igikoresho ca Poritike.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG