Uko wahagera

USA: 6 Barishwe Barashwe muri Philadelphia na Chattanooga


Igiporisi co muri Philadelphia muri reta ya Pennsylvania, ahabereye ubwicanyi hakoreshejwe inkoho kw'itariki ya 25/06/2022
Igiporisi co muri Philadelphia muri reta ya Pennsylvania, ahabereye ubwicanyi hakoreshejwe inkoho kw'itariki ya 25/06/2022

Abantu batandatu barishwe abandi barenga 25 barakomereka inyuma yo kuraswa mu mpera z’iyi ndwi muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Aba mbere barasiwe mu gisagara ca Philadelphia muri reta ya Pennsylvaniya ku mugoroba wo ku musi wa gatandatu, abandi baraswa mu gatondo ko kuri uyu w’Imana i Chattanooga, muri reta ya Tennessee. Ni ubwicanyi bumaze guhitana ibihumbi bitari bike vy’abanyamerika uyu mwaka kandi ata kimenyetso kigaragara ko bugiye guhagarikwa vuba.

Bubaye mu gihe abasenateri ba Amerika vyanse ko bumvikana ku ngingo z’ibanze zohwamika ubu bwicanyi.

Muri Philadelphia, abagabo babiri hamwe n’umugore umwe bishwe n’abantu bacucagiye amasasu mu kivunga c’abantu bari mu birori vyo kwidagadura mw’ijoro. Umugenduzi w’igiporisi yavuze ko abo bantu barasiwe mw’ibarabara aho bakunze gukorera ivyo birori buri ku mpera y’indwi.

Nayo muri Chattanooga, umukuru w’igiporisi, Celeste Murphy, yavuze ko harashwe abantu 14 barimwo abana babiri bishwe, abandi bakomeretswa n’imodoka yariko irahunga ayo masasu.

Gushika ubu, ibimenyeshamakuru vyo muri Chattanooga na Philadelphia nta makuru y’aboba barafatwa biratangaza.

Ubu bwicanyi kivunga muri Amerika hakoreshejwe inkoho bukurikiye ubwa hafi buheruka kuba muri Buffalo muri reta ya New York bwahitanye 10 no kw’ishure ry’intango ryo mu gisagara ca Uvalde muri Texas ahapfuye abanyeshure 19 n'abakuze babiri.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG