Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy yavuze kuri uyu wa gatatu ko yiteguye kuganira n’Uburusiya ariko mu gihe gusa ari we na Perezida Vladimir Poutine.
Avugira mu nama y’ubutunzi kw’isi, World Economic Forum, akoresheje ubuhinga bwa videwo, Perezida Zelenskyy yavuze ko hari inzira ya kidipolomasiya yo kuva muri iyi ntambara mu gihe Perezida Poutine yoba atahura ibiriko biraba.
Perezida Zelenskyy yongeyeko ko intambwe ya mbere mu kuganira n’Uburusiya ibwirizwa kuba ugusubiza inteko z’Uburusiya ku mirongo zarimwo imbere yuko zitera Ukraine mu mpera z’ukwa kabiri. Ariko ibi Uburusiya ntaco burabuvugako.
Nta kindi kimenyetso c’ibiganiro bigamije guhagarika iyi ntambara cabonetse mu ndwi ziheze. Impande zose zagirizanya kuterekana ugushaka kuganira.
Abategetsi ba Ukraine bavuze ko intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine igeze mu gisagara kirimwo amahinguriro menshi ca Severodonetsk. Abasirikare b’Uburusiya bariko baragerageza gufata intara ya Donbas mu buseruko bwa Ukraine, inyuma yo kunanirwa gukura ku butegetsi Perezida Zelenskyy canke gufata umurwa mukuru Kiev.
@APress, AFP na Reuters.
Facebook Forum