Impunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nyarugusu ntizemerewe gusura incuti zabo zahungiye mu nkambi ya Nduta. Ni mugihe haciye imyaka irenga itanu bamwe bamwe batarabona imiryango yabo yahunze ubutandukane bigatuma umubabaro ntangere.
Mu bitigiri dukura mu Ishirahamwe croix rouge igisata co gahuza imiryango hafi impunzi z’Abarundi 33850 zahunze ubutandukane, Mu kiringo c’ imyaka irenga gato itanu, abamaze guhuzwa n’imiryango yabo n’ abagore 1560, abagabo 800, abatama n’abatishoboye 1470 hamwe n’abana 2380 gusa.
Umubabaro ni mwinshi kuri zimwe mu mpunzi z’Abarundi zahunze ubutandukane gushika nubu zitarahuzwa n’imiryango yabo abahungiye mu nkambi ya Nduta ntibemerewe gusura abahungiye Nyarugusu nko kuja kuraba abarwayi, gushingurana iteka abasiga ubuzima mu nkambi hamwe n’izindi ngorane zitandukanye zisaba guhuza imiryango.
Ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu ca Tanzaniya igisata kijejwe impunzi bwashinze amategeko abuza impunzi gusohoka ico kibazo kigatuma n’abakeneye kuja kuraba ababo bahunze ubutandukane babura uko babigenza.
Uretse abahungiye mu nkambi ya Nduta na Nyarugusu hari n’abandi imiryango yabo yahungiye mu bindi bihugu bibanyi nko mu Rwanda, Malawi, Kenya, Uganda na Kongo benshi muri bo ntibamenya neza na neza incuti zabo iyo zahungiye.
Facebook Forum