Ibihugu hafi 20 biriko birarungikira Ukraine izindi mfashanyo nshasha za gisirikare. Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe kwivuna abansi, Lloyd Austin yabivuze avuye mu nama igira kabiri yahuje ibihugu bifasha Ukraine mu vya gisirikare.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, umushikiranganji Austin yavuze ko ibihugu vyinshi biriko biratanga ibisasu vy’ibikoho vya muzinga, ibirwanisho vyo kwikingira ibitero vy’umwansi, ibiduga vya gisirikare vyo mu ntambara hamwe n’ibindi. Ibindi bihugu vyemeye kurushiriza gutanga imyimenyerezo ya gisirikare ku nteko za Ukraine.
Inama yo kuri uyu wa mbere yahuje ibihugu 47 yabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo. Otrishiya, Colombia na Irelande bwabaye ubwa mbere vyitaba iyi nama.
Inama izokurikira hagati y’ivyo bihugu vyiyemeje gufasha Ukraine mu vya gisirikare itegekanijwe kuba mu kwezi kwa gatandatu, itariki 15, i Buruseli mu Bubirigi.
Perezida wa Amerika, Joe Biden yavuze kuri uyu wa mbere ko perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin abwirizwa kwishura igiciro gikomeye ku mabi ariko arakora muri Ukraine.
Facebook Forum