Umutegetsi wo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuri uyu w’Imana yagirije umuhari M23 urwanira muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo kuba ari wo utera abasirikare ba ONU mu buseruko bw’igihugu.
Iri tangazo ryashikirijwe n’umufasha w’umunyamabanga mukuru wa ONU, Bintou Keita, rije inyuma y’aho igisirikare ca RDC gitanguriye ibitero kuri uyo muhari ku musi wa kane. Keita yavuze ko M23 wateye abasirikare ba reta hamwe n’aba Monusco bari kubungabunga amahoro muri ico gihugu.
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Goma, mu ntara ya Kivu y’uburaruko, bo bavuze ko Monusco yakoresheje za kajugujugu muri uko kurwanya abo barobeli.
Itangazo ryasohowe na M23 na ryo ryavuze ko abarwanyi babo birukanye inteko za reta, zihungira mw’ikambi ya Monusco, bica bituma abasirikare ba ONU na bo binjira mu rugamba.
Umuhari M23 wongeye gutanguza ibitero mu ntango z’uyu mwaka. Wagiriza reta ya Kongo kuba yarananiwe kubahiriza amasezerano yo mu 2009, yasaba ko abarwanyi bawo binjizwa mu gisirikare c’igihugu.
@AFP
Facebook Forum