Uko wahagera

HRW Yagiriza Uburundi Guhonyanga Agateka ka Muntu


Bamwe mu Mbonerakure n'umupolisi w'Uburundi ku nzu y'uwukekwa gutunga ibirwanisho mu buraruko bwa Bujumbura
Bamwe mu Mbonerakure n'umupolisi w'Uburundi ku nzu y'uwukekwa gutunga ibirwanisho mu buraruko bwa Bujumbura

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, Human Rights Watch, ryagiriza inzego zijejwe umutekano mu Burundi kubandanya kwica, kuboreza igufa no gufungira ubusa abatavuga rumwe n'ubutegetsi. Muri raporo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa gatatu, ryegeka ayo mabi ku bakozi b’iperereza, abapolisi hamwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure.

Turetse abari mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, ishirahamwe Human Rights Watch rinamenyesha ko hari uwundi murwi w’abantu wibasiwe n’ayo mabi: abantu bikekwa kuba bakorana n’imirwi yitwaje ibirwanisho.

Iryo shirahamwe rifise icicaro muri Reta zunze ubumwe za Amerika ryemeza ko abategetsi b’Uburundi mu kugwanya abantu n’imirwi yitwaje ibirwanisho bateye abasivire canke abagize inzego z’umutekano bashizemwo inguvu zirengeje ntivyabarwa nabi kujaniranya kandi berekana ugushaka guke mu gushengeza imbere y’intahe abakoze ayo mabi.

Ku bwa Human Rights Watch, ivyo ni uko biba kandi iryo shirahamwe ryariboneye ryongera riratohoza risanga ni ukuri, amashusho ya videwo abonekamwo abasirikare n’abaporisi bigamba ko bazimanganirije ubuzima abantu.

Humana Rights Watch yemeza ko abatari bake mu batanga buhamya bayibwiye ko bafungiwe mu bibanza bitazwi, abandi bisanga mu busho bw’iperereza batazi ico bazira. Ku buryo bw’umwihariko, iryo shirahamwe riharanira agateka ka kiremwa muntu ritangaza ko mu myaka ibiri iheze inkengera z’uruzi Rusizi zahindutse nk’akaburi gafubwamwo abantu kubera hadasiba gutorwa ibiziga.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya niba ibi Human Rights Watch ibifitiye ivyemezo maze ryakura Clementine de Montjoye, umushakashatsi akora ku bibazo vy’Uburundi n’u Rwanda muri iryo shirahamwe. Mu kiganiro n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza, Clementine yagize ati: " Raporo zacu zishingira ku bintu twatohoje. Bivanye n’ukuntu amatohoza yigenga agoye uyu musi, bishoboka ko ivyo twamenye ari bike cane. Twarandikiye abategetsi kugira bagire ico bavuze n’ingingo bafata ariko nta nyishu twaronse”,

Ayo makenga Anshaire Nikoyagize, umukuru w’ishirahamwe Ligue Iteka arayemeza. Muri raporo y’umwaka, iryo shirahamwe ry’Abarundi riharanira agateka ka zina muntu rimenyesha ko abantu bishwe barenga 450 mu kiringo c’umwaka hatavuzwe ababuriwe irengero n’abafungiwe ubusa.

Ariko umukuru w’ishirahamwe Folucon F, rimwe mu yakorera mu ntara zose zigize Uburundi ntarya umunwa. Ku bwiwe, iki cegeranyo gishingiye ku nyungu za poritike. Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya ico Reta y’Uburundi ivuga kuri kino cegeranyo maze rihamagara umuvugizi wayo Prosper Ntahorwamiye. Ku murongo wa terefone muri make yagize ati " Ntaco tuvuga kur iyo raporo”.

Human Rights Watch muri iyi raporo yagaye kandi ibikorwa vy’imirwi yitwaje ibirwansiho maze iyisaba kureka kugira ibitero ku basivire n’inzego z’umutekano.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

Reta y'Uburundi Ivuga ko Ataco Ivuga kuri Raporo ya HRW
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:32 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG