Abategetsi mu giporisi mu gisagara ca Buffalo kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa reta ya New York, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, kuri uyu w’Imana bariko barakora kugira bamenye neza umusore yishe abantu 10 abarashe n'inkoho muri supermarche y’ibifungurwa. Abategetsi bavuze ko ubwo bwicanyi bwabaye ku musi wa gatandatu bwari urwanko rushingiye ku rukoba.
Umukuru w’igisagara ca Buffalo, Byron Brown, yabwiye Televiziyo CBS, yo muri Amerika ko igiporisi kiriko kirarondera kumenya ingene ubwo bwicanyi bwabaye, n’icatumye uwo muntu aja muri ico gisagara kubukorerayo.
Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yavuze ko ubutungane buriko buratohoza kandi ko babwirizwa gukora kugira iki kibazo cateye igutu mu mutima wa Amerika kirangire.
Uwakoze iryo bara yitwa Payton Gendron, wo mu gisagara ca Conklin, muri reta ya New York. Ni umuzungu, kandi 11 kuri 13 barashwe bari abirabure.
Umukuru w’igisagara Buffalo, Brown, yasavye Kongres ya Amerika gushiraho amategeko akomeye yo kugenzura inkoho mu gihugu. Ubu busabe bwama bwabaye igihe cose hishwe abantu ikivunga hakoreshejwe inkoho. Ariko bihora bihera ata gihindutse.
Gutunga inkoho muri Reta zunze ubumwe za Amerika birarekuwe n’ibwirizwa shingiro.
Perezida Biden yatangaje ko azongendera Buffalo ejo kuwa kabiri kuremesha ababuze ababo
Facebook Forum