Uko wahagera

Rwanda: Ikambi ya Mahama Yaronse Ibitaro Vyakira Abavyeyi


Ibirori vyo kugurura ivuriro rigiye kuza rirakira abavyeyi b'i Mahama bibaruka
Ibirori vyo kugurura ivuriro rigiye kuza rirakira abavyeyi b'i Mahama bibaruka

Hubatswe ibitaro binini vyakira abavyeyi bibaruka harimwo n’ababanza kubagwa, mw’ikambi y’impunzi ya Mahama iri mu Buseruko bw’u Rwanda. Impunzi cane cane abagore barashima kuko bahora bagira ingendo ndende baja kwivuza hanze canke kuvyarirayo, ivyahora bituma hari n’abagira ingorane z’amagara. Iyi kambi irimwo impunzi zirenga ibihumbi 41, bagwiriyemwo Abarundi.

Ibitaro vyubatswe ni ibitaro bikomeye vy’akarorero bifise igice co kubagiramwo abagore bibungenze, aho kwakirira abibaruka neza, aho kurwarira, aho kuvurira ingwara zihariye z’abagore n’ibindi. Vyubatwe muri village ya 1, zone ya Mahama ya 1 mw’ikambi ya Mahama iri mu karere ka Kirehe mu ntara y’Ubuseruko bw’u Rwanda.

Bamwe mu mpunzi z’Abarundi bari muri iyo kambi, cane cane abakenyezi babwiye Ijwi ry'Amerika ko ivyo bitaro bije hageze kugira bibapfunyire urugendo rw’ibilometero birenga 27 bahora bagira kugira bashike ku bitaro vy’akarere ka Kirehe. Bongerako ko n’abanyarwanda baba mu murenge wa Mahama iyo kambi y’impunzi irimwo, bazohatorera akoyokwe, kuko babanye neza kandi basangira ibikorwa vyinshi vya reta nk’amashure, amavuro n’amasoko.

Uwuserukira comité y’impunzi i Mahama, Jean Bosco Kwibishatse wewe yemereye Ijwi ry'Amerika ko ivyo bitaro bije kugabanya ubwinshi bw’abantu bahora baja ku rindi vuriro ryari muri yo kambi aho vyashika rikarengerwa.

Ni mu gihe, ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe HCR ryitaho impunzi vyerekana ko iyo kombi ya Mahama isigayemwo impunzi z’Abarundi zirenga 40,000 hakiyongerako impunzi z’abakongomani, abanyamulenge barenga gato 3,000 baheruka kwimurirwa i Mahama bakuwe mu makambi ya Kigeme na Gihembe ziheruka kwugarwa.

Igihe yugurura ku mugaragaro ivyo bitaro kuri uyu wa kabiri, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo kwitaho impunzi, umufasoni Kayisire Marie Solange, avuga ko hazonatangirwa inyigisho z’irondoka rijanye n’amagara meza, kugabanya imvyaro no kurwanya ihohoterwa.

Ico kigo nderabuzima co mw’ikambi ya Mahama cubatswe ku mafranga arenga imiliyoni 45 z’amanyarwanda, yatanzwe na Reta y’u Rwanda, amashirahamwe atandukanye yitaho impunzi hamwe n’igihugu c’Ubuyapani.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

Abavyeyi b'i Mahama Bariruhutsa Inyuma yo Kuronswa Ivuriro
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:19 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG