Uko wahagera

Iduzwa ry'Ibiciro vyo Kwiyunguruza mu Burundi Ryateye Abanyagihugu Kwidoga


Kubona ibitoro mu Burundi ntibyorohera bose
Kubona ibitoro mu Burundi ntibyorohera bose

Mu Burundi abanyagihugu baridogera inzego zijejwe gufata ivyemezo ku biciro biguma biduzwa vya hato na hato. Ni nyuma y'uko ubushikiranganji bw’ubudandaji, gutwara abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi, butangaje ibiciro bishasha vyo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu Gihugu.

Ibiciro vyo hagati mu gihugu bikaba vyiyongereyeko hagati y’amafaranga 500 n’1000 y’amarundi, mu gihe mu gisagara ca Bujumbura no mu nkengero zaco, hagiye hongerwako amafaranga 100.

Abunguruza abantu bakavuga ko bavyakiriye neza, ariko kandi mu gihe batararonka igitoro ngo ntaco vyoba bivuze.

Naho Abanyagihugu bobo, imyidogo ni myinshi kuko ibintu vyose biraba ubuzima bwabo umunsi ku wundi biguma biduzwa, aho bakura hatiyongera.

Umumenyeshamakuru w'ijwi ry'Amerika Thierryve Ndayishimiye yateguye ino nkuru mushobora gukurikira mu ijwi ryiwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:13 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG